Accueil > Amakuru > ishirahamwe > ’’Isoko nkuru yinjiza ibice 20 kw’ijana vy’amafaranga avuye mu gihugu (...)
’’Isoko nkuru yinjiza ibice 20 kw’ijana vy’amafaranga avuye mu gihugu hagati’’-OLUCOME
samedi 27 janvier 2018
Abicishije ku rubuga rwa Twitter, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME Gabriel RUFYIRI aragaruka ku vyaranze igitondo c’igenekerezo rya 27 Nzero 2013, igihe isoko nkuru ya Bujumbura yasha igatokombera bene ibidandazwa barorera.
Ishirahamwe OLUCOME ryibutsa ko naho imiduga izimya umuriro yari yahashitse, itashoboye kuzimya umuriro, naho mu nyuma hahavuye hashika indege ivuye mu gihugu c’Urwanda igatuma umuriro utabandanya kurandagata cane, ikitabujije ko abadandaza bahaburira ibidandazwa vyabo vyose.
Ishirahamwe OLUCOME rivuga ko isoko nkuru ya Bujumbura ryari ihuriro ry’abantu, rikaba kandi ihuriro ry’ibidandazwa, ikaba n’isoko abantu bashorerako abandi bakagurirako.
Ribicishije ku rubuga rwa Twitter, OLUCOME rimenyesha ko abahoze badandaza mw’isoko nkuru ya Bujumbura bemeza ko bagize uruhombo rutazokwigera ruzimangana, bagaterwa umutima uhagaze n’amadeni bari barafashe mu mabanki.
Ishirahamwe OLUCOME ryibutsa ko Reta yari yashikirije umugambi wo kuhubaka inzu y’igorofa ishika ku nzu zitanu uja hejuru, ariko hasi hakaba igituro c’imodoka, gishobora kwakira imodoka amajana atatu.
MUGISHA Van Naris