IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > ’’Isoko nkuru yinjiza ibice 20 kw’ijana vy’amafaranga avuye mu gihugu (...)

’’Isoko nkuru yinjiza ibice 20 kw’ijana vy’amafaranga avuye mu gihugu hagati’’-OLUCOME

samedi 27 janvier 2018

Abicishije ku rubuga rwa Twitter, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME Gabriel RUFYIRI aragaruka ku vyaranze igitondo c’igenekerezo rya 27 Nzero 2013, igihe isoko nkuru ya Bujumbura yasha igatokombera bene ibidandazwa barorera.

Ishirahamwe OLUCOME ryibutsa ko naho imiduga izimya umuriro yari yahashitse, itashoboye kuzimya umuriro, naho mu nyuma hahavuye hashika indege ivuye mu gihugu c’Urwanda igatuma umuriro utabandanya kurandagata cane, ikitabujije ko abadandaza bahaburira ibidandazwa vyabo vyose.

Ishirahamwe OLUCOME rivuga ko isoko nkuru ya Bujumbura ryari ihuriro ry’abantu, rikaba kandi ihuriro ry’ibidandazwa, ikaba n’isoko abantu bashorerako abandi bakagurirako.

Ribicishije ku rubuga rwa Twitter, OLUCOME rimenyesha ko abahoze badandaza mw’isoko nkuru ya Bujumbura bemeza ko bagize uruhombo rutazokwigera ruzimangana, bagaterwa umutima uhagaze n’amadeni bari barafashe mu mabanki.

Ishirahamwe OLUCOME ryibutsa ko Reta yari yashikirije umugambi wo kuhubaka inzu y’igorofa ishika ku nzu zitanu uja hejuru, ariko hasi hakaba igituro c’imodoka, gishobora kwakira imodoka amajana atatu.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.