Israel : Abanyapalestnine bapfunzwe bahagaritse yegereyegere yo kwisonzesha

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 27 Rusama 2017 saa 01:06
Yasomwe : 4284
0 0

Inyuma y’indwi zitandatu ziheze abanyapalestina bapfungiwe mu gihugu ca Israel bari muri yegereyegere yo kudafungura , bemeye gusubira gufungura inyuma y’umwumvikano wabaye hagati y’ishirahamwe Croix Rouge n’igihugu ca Palestina .

Nkuko tubikesha iradio y’abongereza BBC , mu vyatumye abo bapfungwa bemera guheba kwiyicisha inzara nuko bemerewe kwongerezwa incuro bazohora bagenderwa n’imiryango yabo gutyo bikaba icizere ko agateka kabo kagiye kwubahirizwa .

Kuva uko kwiyicisha inzara gutanguye abapfungwa bashika kuri 18 bahatswe gutabarizwa ku bitaro ziremvye ,iryo hagarikwa ryo kwiyicisha inzara rikaba rihuriranye n’ukwezi kwa Ramazani aho abisiramu biyegereza Imana bakongera bakisonzesha .


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha