IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Itegeko American Health Care Act rigiye gutuma abanyamerika bagira ingorane (...)

Itegeko American Health Care Act rigiye gutuma abanyamerika bagira ingorane zo kwivuza

mardi 14 Ntwarante 2017

Kuva mu mwaka wa 2018,uburyo bwo kwivuza vyoroshe vyahora bikorwa mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku banyamerika imiliyoni 14 buzohagarikwa ,kuva itegeko ry’aba républicains ku bijanye n’amagara rizoba ritanguye kuja mu ngiro.

Umugambi w’itegeko rishasha rigenga ingene abanyamerika bivuza vyoroshe hakoreshejwe assurance wizwe n’umurwi w’inama nshingamateka (CBO), ujejwe kugenzura amafaranga igihugu gikoresha kagizwe n’abanonosoye ivy’ubutunzi.

Uwo murwi CBO uvuga ko abantu badafise "assurance" bazokwiyongera bagashika ku miliyoni 24 z’abanyamerika mu mwaka wa 2026.

Mu cegeranyo ca CBO, umenyesha ko iryo tegeko rishasha rijanye n’ivyo kwivuza rizogabanya amahera igihugu cahora gitakaza ku miliyardi $337 mu kiringo c’imyaka cumi.

Ayo mafaranga yahora atakara azobikwa mu kigega ca Reta ,niyo kandi azoshobora gutuma abashingamateka b’aba Républicains bumvisha abanyagihugu ko iryo tegeko rishasha rizwi nka "American Health Care Act" (AHCA) ko rifise akamaro.

Uwo mugambi ushigikiwe kandi n’umukuru w’igihugu Donald Trump ugiye gusubirira itegeko Obamacare rya Barack Obama yahora arongoye igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.