Ubudagi : Itegeko ryemerera abipfuza kubana basangiye ibitsina ryemejwe

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 30 juin 2017 saa 01:09
Yasomwe : 8613
0 0

Itegeko ryemerera abantu basangiye ibitsina ko bashobora kurongorana mu gihugu c’Ubudagi ryemejwe n’igitigiri kinini c’abashingamateka bo muri ico gihugu, aho akaba ari mu gihe hari haheze iminsi umukuru wa Reta w’ico gihugu, Angela Merkel avyiyamirije.

Inkuru ziva aho mu gihugu c’Ubudagi zivuga ko iryo tegeko ryemejwe rigiye gutanga uburenganzira ku bagabo n’abagore bakundana basangiye ibitsina ko bashobora kwubakana, bakarera n’abana bashobora no kurera abana batavyaye (adoption).

Abashingamateka bava mu migambwe itavuga rumwe na Angella Merkel bemeje bivuye inyuma iryo tegeko.

Mwomenya ko iyo ngingo yashigikiwe n’abashingamateka bashika ku 393, mu gihe abashika ku 226 bayihakanye, bane nabo ntibagize ico bayivugako.


Kumenyekanisha

1
Shumbusha xavier 30-06-2017 à 17:28

Yesu agira aze ivyahanuwe birashitse Twitegure

2
Butungane 30-06-2017 à 14:21

Uyo ni umuhero ! Merci kubataritoye naho satani aguma aduteza ibibazo

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha