Accueil > Amakuru > Mu makungu > Japon: Umushikiranganji wa mbere yiyamirije agasomborotso ka Koreya yo mu (...)
Japon: Umushikiranganji wa mbere yiyamirije agasomborotso ka Koreya yo mu Buraruko
vendredi 15 Nyakanga 2017
Inyuma y’igisasu ca Missile catewe n’igihugu ca Koreya yo mu Buraruko hejuru y’igihugu c’Ubuyapani,haciye hasubira kuvyuka uruhagarara mu karere karimwo ivyo bihugu.
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko ico gisasu cashitse ku burebure bw’ibirometero 770 mu kirere, igenda ibirometero 3700 imbere yuko igwa mu kiyaga ca Hokkaido c’igihugu c’Ubuyapani
Mu kwishura Koreya yo mu Buraruko,Korea y’Ubumanuko nayo yaciye itera ibisasu bibiri mu kiyaga .
Umushikiranganji w’imigenderanire ya Amerika, Rex Tillerson, nawe nyene yaneguye iraswa ry’ico gisasu, akanama kajejwe umutekano k’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU kakaba gategekanya gukorana ku wa gatanu ku mugoroba i New York, bisabwe na Amerika n’Ubuyapani.
MUGISHA Van Naris