Jeff Bezos yabaye umutunzi wa mbere kw’isi

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 28 Mukakaro 2017 saa 09:08
Yasomwe : 11457
0 0

Inyuma yo gushinga umurongo Amazon ukoreshwa ku buhinga ngurukanabumenyi, Jeff Bezos yabaye umutunzi wa mbere kw’isi, asubirira Bill Gates yari amaze imyaka myinshi ari muri ico kibanza.

Jeff Bezos afise ubutunzi bw’amadorare imiriyaridi 91.4, ubwo butunzi bukaba bwatumye aba uwa mbere atunze kw’isi.

Amakuru dukesha BBC, avuga ko abahinga mu bijanye n’ubutunzi bavuga ko bizeye ko Jeff Bezos yashinze Amazon mu mwaka wa 1994, ubutunzi bwiwe buzobandanya kwiyongera.

Ayo makuru nyene yemeza ko, ku miriyaridi 500 z’amadorare Amazon ifise, Jeff Bezos afisemwo ibice 17 kw’ijana vy’ubutunzi.

Jeff Bezos amaze n’ukugura ikinyamakuru Washington Post, yashizeho kandi ibijanye n’urudandazwa rukorerwa mu kirere rwitwa "rocket."


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha