IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Jeremie MINANI:’’ Irekurwa ry’abanywanyi ba MSD nta gitangaza kirimwo’’

Jeremie MINANI:’’ Irekurwa ry’abanywanyi ba MSD nta gitangaza kirimwo’’

mercredi 25 Nzero 2017

Urunani rw’ishinze gukingira amasezerano ya Arusha CNARED rumenyesha ko irekurwa ry’abanywanyi b’umugambwe MSD bahora bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba,inyuma y’ikigongwe c’umukuru w’igihugu ata gitangaza kirimwo.

Kubwa Jeremie MINANI ajejwe kumenyesha amakuru mu runani CNARED, abanywanyi b’umugambwe MSD bahora bapfunzwe ntibari kuba barapfunzwe kuko ata caha bari bakoze.Amenyesha ko mu runani CNARED banezerezwa n’irekurwa ryabo.

Jeremie MINANI ajejwe kumenyesha amakuru mu runani CNARED amenyesha ariko ko,kuva ico kigongwe gitanzwe n’umukuru w’igihugu abandi bantu barenga 500 bamaze guhagarikwa bapfungirwa mu bice bitandukanye.

Abanywanyi b’umugambwe MSD bari bafatiwe ku ngoro y’umugambwe mu kwezi kwa gatatu mu mwaka wa 2014.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.