Accueil > Amakuru > Rwanda > Kigali : Ibohero rikuru ryatewe n’impanuka y’umuriro
Kigali : Ibohero rikuru ryatewe n’impanuka y’umuriro
lundi 26 Kigarama 2016, par
Ibohero rikuru ry’i Kigali, rizwi kw’izina rya 1930, ibohero ryabayeho ubwa mbere mu gihugu c’Urwanda ryatewe n’impanuka y’umuriro kuri uwu w’Imana. Umwotsi mwinshi niwo watanguye kuboneka ku gisenge c’iryo bohero riri i Nyarugenge. Iryo bohero ripfungiwemwo abanyororo bagera ku bihumbi bine.

Inzego zose z’umutekano w’Urwanda zarihutiye gutabara, kuva ku basirikare b’igihugu, abaporisi hamwe n’abajejwe gucunga umutekano w’amabohero, abo mu Rwanda bita "Abacungagereza".
ACP Jean Baptiste Seminega, umuyobozi w’umurwi ujejwe ubutabazi no kuzimya imiriro, yavuze ko igice kingana n’imetero 20 c’iryo bohero "Gereza ya 1930" arico cahiye muri rusangi. Yagize ati : “Ubushobozi bwacu bwose twahise tubuzana hano kugira ngo hadashya ahantu hanini. Ntituramenya icyateye iyi nkongi, ni iperereza rigomba gukorwa kugirango tumenye icyayiteye.”
- ACP Jean Baptiste Seminega, umuyobozi w’umurwi ujejwe ubutabazi no kuzimya imiriro
Johnston Busigye, umushikiranganji w’ubutungane bw’Urwanda, asanzwe ari nawe akurikirana ibijanye n’amabohero muri ico gihugu, yabwiye itangazamakuru ko ata muntu n’umwe yasize ubuzima muri iyo mpanuka, asigura kandi ko amasasu yumvikanye yari ayo gushiragiza abapfungwa bariko bagerageza kwurira impome nk’abashaka gutoroka.
Ati : “Abantu bagerageje kurira kiriya gipangu cy’inyuma bisa nk’aho bashaka gutoroka hanyuma amasasu avuga mu kirere barigarura, nta muntu n’umwe wahasize ubuzima.”
- Johnston Busigye, umushikiranganji w’ubutungane bw’Urwanda
Umupfungwa umwe niwe yakomerekeye bikomeye muri iyo mpanuka y’umuriro, abandi babiri nabo bakomereka bisanzwe, nk’uko vyemezwa n’umushikiranganji w’ubutungane.
Abapfungwa baba ahitwa muri bloc 11 bakaba batakaje ivyo bahora baryamako navyo nyene vyahiye biratokombera.

Umushikiranganji w’ubutungane yagize ati : “Nyuma y’umuriro turashyiramo abantu bareba uko ibintu bimeze n’uko byasubira mu buryo, hanyuma abagororwa basubire muri gereza nkuko bisanzwe, ubundi dushakishe icyateye uyu muriro.”
Iryo bohero rihiye mu gihe vyari bitegekanijwe ko abantu bari bahapfungiwe bimurirwa mw’ibohero rishasha rya Mageragere, rifise ubushobozi bwo kwakira abapfungwa 9000.









IGIHE
Messages
26 Kigarama 2016, 12:22, par Musaga
Raba sha ibikoresho vy’ ibizimya muriro,mu minota itanu bari bahejeje kuwuzimya, bravo le Rwanda,mu Burundi vyari gusha vyose
26 Kigarama 2016, 16:51, par j.minani
J minna
27 Kigarama 2016, 16:19, par Aferky
Urwanda rurafise vyose, iyo vyanga nindege zari kuzimya. Ntimwibuka ingene badutabaye igihe isoko yasha, bobo ntibamenye ko ari mucezo wa ndani. Ko ari leta yarituriye.
27 Kigarama 2016, 20:41, par Folmand
Akaje ntikazirumwe, ubuheruka twagize ivyago nkivyo aha ibujumbura, ibitazi vy’abanyarwanda n’intambirakiza z’abarundi bavuga aya muhe, none umuriro murwanda wavuye ni kubera ya 3eme mandat?
28 Kigarama 2016, 08:08, par Sb As
Mwabonye Ikosora Iminota Itanu.Mwebwe Byamaze Amasah’atanu Mana We! Iyo Mutagira Indege Zo Murwanda Ntimuba Mwaragurumanye Yooo!!! Erega Muri Mumanegeka.
28 Kigarama 2016, 08:09, par Sb As
Mwabonye Ikosora Iminota Itanu.Mwebwe Byamaze Amasah’atanu Mana We! Iyo Mutagira Indege Zo Murwanda Ntimuba Mwaragurumanye Yooo!!! Erega Muri Mumanegeka.