Abantu bagera kw’ijana na mirongo itatu na batatu nibo bamaze kumenyekana ko bishwe n’imyuzurira y’imvura yaguye kuri uwu wa mbere mu gihugu ca Korea ya ruguru. Abandi 395 baburiwe irengero.
Igisata ca ONU kijejwe gutunganya imfashanyo (OCHA) catangaje ko abandi bantu barenga ibihumbi ijana bo mu ntara z’uburaruko nka Hamgyong aribo bateshejwe ingo zabo niyo mvura yasinzikaje ico gihugu. Amazu nayo aharurwa mu bihumbi mirongo itatu na bitanu yabomotse.

Nk’uko ico gisata ca ONU kijejwe gutunganya imfashanyo [OCHA] kibimenyesha, ibiharuro vyerekana ko ibice 69 vy’amazu yabomotse, hadasizwe inyuma amashure hamwe n’inyubakwa zihuriramwo abantu benshi zigera ku 8700.
Ibikorwa bikaba bisa n’ivyahagaze muri ivyo bice vyasinzikajwe n’iyo mvura.

Tura Savye Imana Ifashe Icogihugu