IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Koreya y’Epfo : Amerika yahagaritse imyimenyerezo ya gisirikare mu gihe (...)

Koreya y’Epfo : Amerika yahagaritse imyimenyerezo ya gisirikare mu gihe c’inkino mpuzamakungu

vendredi 5 janvier 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC , amenyesha ko iyo ngingo yafashwe inyuma y’ivyari vyasabwe na Reta ya Koreya y’Epfo.

Donald Trump yabwiye umukuru w’igihugu ca Korea Y’Epfo, Moon Jae-in, ko azoba arahagaritse iyo myimenyerezo ya gisirikare mu kwubahiriza izo nkino zizotangura kw’igenekerezo rya 9 Ruhuhuma 2018.

Amakuru ya BBC amenyesha kandi ko, Donald Trump yavuze ko yizeye ko hari ikizova mu biganiro bitegekanijwe, hagati ya Korea ya Ruguru na Koreya y’Epfo.

Koreya ya Ruguru, ntikirigera cemera ibiganiro bibaye ku mugaragaro , bishobora gutangura mu minsi ya vuba.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.