IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Koreya y’epfo : Umukuru w’ishirahamwe Samsung yaciriwe umunyororo w’imyaka (...)

Koreya y’epfo : Umukuru w’ishirahamwe Samsung yaciriwe umunyororo w’imyaka 5

vendredi 25 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Ubutungane bwa Korea y’epfo buvuga ko ico giturire cahabwa somambike w’umukuru w’igihugu Park kugira Reta ishigikire itunganywa bushasha ry’ishirahamwe Samsung ryari gutuma riha igihagararo uwo mukuru w’ishirahamwe Samsung co kwigarurira ibikorwa vyose vya Samsung Electronics.

Lee Jae Young yarahakanye yivuye inyuma ivyo yagirizwa, akavuga ko atarivyo na gato.

Bimwe muvyo yagirizwa harimwo gutanga igiturire, gusahura amatunga ya Reta hamwe no kunyegeza ubutunzi bwiwe hanze y’igihugu.

Ico giturire kivugwa catumye uwahoze atwara ico gihugu ca Korea y’epfo, Park Geun hye, yirukanwa murayo mabanga mu kwezi kwa gatatu uwu mwaka wa 2017.

Lee Jae Young w’imyaka 49 yatawe mu mvuto kuva mu kwezi kwa Ruhuhuma 2017, yagirizwa igiturire. Uwufasha kuburana akaba yamenyesheje ko ategerezwa kwunguruza urubanza.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.