IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Koreya ya Ruguru: Umukuru w’igihugu yahagaritse igitero kw’izinga rya (...)

Koreya ya Ruguru: Umukuru w’igihugu yahagaritse igitero kw’izinga rya Guam

mardi 15 Myandagaro 2017

Amakuru dukesha BBC amnyesha ko Koreya yo mu Buraruko yavuze ko irindiriye ivyo abasazi b’abayankees bakora,kugira ifate ingingo yo gutera ico gisasu canke yo kubihagarika.

Ikinyamakuru c’igihugu KCNA cavuze ko umukuru w’igihugu Kim Jong-un yasuzumye igicapu cerekana ingene bokora igitero muremure,yongera agihanahanako ivyiyumviro n’abasirikare bakuru.

Ku ruhande rwa Koreya yo mu Bumanuko ,basaba ko haba ibiganiro kuko ariyo nzira nziza yo gutorera inyishu ikibazo kiri hagati ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Koreya yo mu Buraruko.

Umukuru w’igihuguPrezida wa Korea Yepfo, Moon Jae-in, yavuze ko ata bitero vya gisirikare bizokorwa mu karere ka Koreya, igihugu ciwe kitabanje kuvyemeza.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.