Accueil > Amakuru > Mu makungu > Koreya ya Ruguru: Umukuru w’igihugu yahagaritse igitero kw’izinga rya (...)
Koreya ya Ruguru: Umukuru w’igihugu yahagaritse igitero kw’izinga rya Guam
mardi 15 Myandagaro 2017
Amakuru dukesha BBC amnyesha ko Koreya yo mu Buraruko yavuze ko irindiriye ivyo abasazi b’abayankees bakora,kugira ifate ingingo yo gutera ico gisasu canke yo kubihagarika.
Ikinyamakuru c’igihugu KCNA cavuze ko umukuru w’igihugu Kim Jong-un yasuzumye igicapu cerekana ingene bokora igitero muremure,yongera agihanahanako ivyiyumviro n’abasirikare bakuru.
Ku ruhande rwa Koreya yo mu Bumanuko ,basaba ko haba ibiganiro kuko ariyo nzira nziza yo gutorera inyishu ikibazo kiri hagati ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Koreya yo mu Buraruko.
Umukuru w’igihuguPrezida wa Korea Yepfo, Moon Jae-in, yavuze ko ata bitero vya gisirikare bizokorwa mu karere ka Koreya, igihugu ciwe kitabanje kuvyemeza.
MUGISHA Van Naris