IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Mu makungu > Koreya ya Ruguru iriyamiriza ibihano yafatiwe na ONU

Koreya ya Ruguru iriyamiriza ibihano yafatiwe na ONU

Sunday 24 December 2017

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko ikinyamakuru ca Reta KCNA kivuga ko mw’itangazo ry’umushikiranganji w’imigenderanire rivuga ko iyo ngingo ata ho itaniye no kunigira mu menshi ubutunzi.

Yavuze ko ukugira inguvu nyinshi kwa Koreya ya ruguru ari bwo buryo bwonyene bwo kwikingira agashavu ka Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Akanama k’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU kajejwe umutekano kafatiye ibihano bishasha igihugu ca Korea ya ruguru ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 22 Kigarama 2017,mu kwishura kw’igerageza ry’ibisase ry’ico gihugu.

Iyo ngingo ya ONU yateguwe na Reta Zunze Ubuymwe za Amerika yemejwe n’ibihugu vyose bigize ako kanama uko ari 15.


MUGISHA Van Naris

Forum posts

  • Nivyo corée du nord irafise ibirwanisho, ariko tumenyeko amanyamerika iyo nzira bayiciyemwo kera cane bisigura ko batohangana, ikindi naco nuko udashobora kurwana intambara ata logistique ikwiye ufise nivyo duca twita guerre morte. donc guerre sans logistique est une guerre morte. ariko ivyokwononekara ntabwo vyobura.

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.