Koreya ya Ruguru ishobora kutitaba umubonano utegekanijwe kuyihuzana na Amerika

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 16 mai 2018 saa 06:01
12585
0 0

Igihugu ca Koreya ya Ruguru cahagaritse umubonano cawuhuza n’igihugu ca Koreya y’epfo kur’uno wa gatatu igenekerezo rya 16 Rusama 2018, aho ivyegera vy’abakuru b’igihugu b’ivyo bihugu vyari vyiteze kubonana.

Amakuru dukesha iradiyo RFI amenyesha ko, Koreya ya Ruguru iterekwa na gato ibikorwa vya gisirikare bikorwa hagati ya Amerika ifadikanije na Koreya y’epfo hamwe n’ibiheruka gushikirizwa na Reta zunze ubumwe za Amerika ko Koreya ya Ruguru ibwirizwa guhagarika burundu ibirwanisho ruhonyanganda .

Abakwirikiranira hafi poritike y’ivyo bihugu bamenyesha ko, ivyo bishobora gutuma umubonano wari witezwe mu kwezi kuza kwa Ruheshi hagati y’umukuru w’igihugu wa Koreya ya Ruguru hamwe n’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika ushobora kutaba.

Ayo makuru abandanya avuga ko Koreya y’epfo yamenyesheje kw’iyo myimenyerezo hagati ya Amerika na Koreya y’epfo ari nko kwitegurira igitero.

Reta zunze ubumwe za Amerika imenyesha ko yatangajwe n’ivyo vyashikirijwe na Reta ya Koreya ya Ruguru kuko ivyo izi gushika ubu ar’uko umukuru w’ico gihugu azi neza akamaro k’ibikorwa bijanye no kubonana hagati y’abo bakuru b’ibihugu babiri.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha