Koreya ya Ruguru yagerageje ikindi gisasu co mu bwoko bwa Missile

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 4 juillet 2017 saa 03:12
Yasomwe : 7884
0 0

Inyuma y’ibindi vyari bimaze kugeragezwa bishika hafi,igihugu ca Koreya ya Ruguru cagerageje ikigwanisho co mu bwoko bwa "missile" ICBM gishobora gushika ku yindi migabane y’isi kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 4 Mukakaro 2017.

Imboneshakure y’igihugu ca Koreya ya Ruguru yamenyesheje ko Missileyo mu bwoko bwa Hwasong-14 yageragejwe hari n’umukuru w’igihugu Kim Jong-un.

Amakuru dukesha iradiyo y’abngereza BBC amenyesha ko,mu gihe iyi nkuru yokwemezwa, missile" ICBM ishobora gushika no ku butaka bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zavuze ko iyo "missile" yaguye mu kiyaga c’Ubuyapani idashika kure cane, ko ata bwoba yotera Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ibikorwa vyo kugerageza ibisasu vyo mu bwoko bwa Missile igihugu ca Koreya ya Ruguru kimaze igihe gikora,vyateye uruhagarara akarere n’amakungu.


Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha