Umukuru w’igihugu Kim Jong-Un aritezwe muri Koreya y’epfo

Yanditswe na IGIHE
Kuya 26 April 2018 saa 05:07
7995
0 0

Umukuru w’igihugu ca Koreya ya ruguru Kim Jong Un yiteze gufata urugendo ejo ku musi wa gatanu aja mu gihugu ca Koreya y’epfo ,azoba abaye umukuru w’igihugu wa mbere agiye murico gihugu inyuma y’imyaka 66 irangiye.

Amakuru dukesha iradiyo BBC amenyeshako Korea y’epfo yemeje ko umukuru w’igihugu Waco Moon Jae-in azobonana na Kim Jong Un ku rubibe rw’ivyo bihugu ku musi wa gatanu mu gace katarangwamwo ibikorwa vya gisirikare.

Ayo makuru abandanya avugako niyo abo bakuru b’ibihugu babonana bishobora kuzana agahengwe inyuma y’ikiringo kitari gito hari ukutumvikana.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha