IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Koreya yo mu Bumanuko yipfuza ibiganiro na Koreya yo mu Buraruko

Koreya yo mu Bumanuko yipfuza ibiganiro na Koreya yo mu Buraruko

lundi 17 Mukakaro 2017

Abategetsi bo mu nzego zo hejuru mu gihugu ca Koreya yo mu Bumanuko bavuga ko ivyo biganiro bifise intumbero yo guhagarika ibikorwa vyose bituma haba ukurabana ribi mu karere gacungerewe cane kari hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Kuva ivyo bitaraba,umukuru w’igihugu wa Koreya yo mu Bumanuko Moon Jae-in yaravuga ko yipfuza ko hoba ugufashanya cane na Koreya yo mu Buraruko.

Mw’ijambo ryiwe aherutse gushikiririza i Berlin ku murwa mukuru w’igihugu c’Ubudagi , yavuze ko ibiganiro na Koreya yo mu Buraruko bikenewe kandi bikagira ico bishitseko.

Naho biri ukwo,igeragezwa ry’ibisasu rikorwa na Koreya yo mu Buraruko ntiryemewe n’amategeko y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.