Accueil > Amakuru > Mu makungu > Koreya yo mu Bumanuko yipfuza ibiganiro na Koreya yo mu Buraruko
Koreya yo mu Bumanuko yipfuza ibiganiro na Koreya yo mu Buraruko
lundi 17 Mukakaro 2017
Abategetsi bo mu nzego zo hejuru mu gihugu ca Koreya yo mu Bumanuko bavuga ko ivyo biganiro bifise intumbero yo guhagarika ibikorwa vyose bituma haba ukurabana ribi mu karere gacungerewe cane kari hagati y’ivyo bihugu bibiri.
Kuva ivyo bitaraba,umukuru w’igihugu wa Koreya yo mu Bumanuko Moon Jae-in yaravuga ko yipfuza ko hoba ugufashanya cane na Koreya yo mu Buraruko.
Mw’ijambo ryiwe aherutse gushikiririza i Berlin ku murwa mukuru w’igihugu c’Ubudagi , yavuze ko ibiganiro na Koreya yo mu Buraruko bikenewe kandi bikagira ico bishitseko.
Naho biri ukwo,igeragezwa ry’ibisasu rikorwa na Koreya yo mu Buraruko ntiryemewe n’amategeko y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU.
MUGISHA Van Naris