IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Koreya yo mu Buraruko: Reta yasubiye kugerageza ikindi gisasu

Koreya yo mu Buraruko: Reta yasubiye kugerageza ikindi gisasu

lundi 29 Rusama 2017

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC,ico gisasu co mu bwoko bwa "Scud" cashoboye kugenda ibirometero 450, imbere yuko kigwa mu mazi yegukira igihugu c’Ubuyapani bituma ico gihugu kivyiyamiriza.

Ubutegetsi bw’igihugu ca Koreya yo mu Buraruko bumaze gufata minenerwe ku ncuro nyinshi ingingo y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU,kiyibuza kugerageza ibisasu vya missile.

Igihugu ca Koreya yo mu Bumanuko hamwe n’igihugu c’Ubuyapani biyamirirje ibimaze iminsi bikorwa n’igihugu ca Koreya yo mu Buraruko,igihugu c’Ubuyapani coco camaze kwagiriza igihugu ca Koreya yo mu Buraruko ko iriko igira agasomborotso,kandi kidashobora kwihangana.

Umushikiranganji wa mbere mu gihugu c’Ubuyapani Shinzo Abe yavuze ko nk’uko vyashikirijwe mu nama iheruka guhuza ibihugu indwi biteye imbere kw’isi,ikibazo ca Koreya yo mu Buraruko gikurikiranwa cane n’amakungu.

Shinzo Abe yavuze ko igihugu c’Ubuyapani kizokorana n’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika kugira bafate ingingo zibereye zo kubuza igihugu ca Koreya yo mu Buraruko kubandanya igerageza ibisasu.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.