Koreya yo mu Buraruko iriyamiriza ibihano bishasha vya ONU

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 7 août 2017 saa 02:48
Yasomwe : 6723
0 0

Inyuma y’igeragezwa ry’ibisasu vya nucleaire ivyatumye igihugu ca Koreya yo mu Buraruko gifatirwa ibihano n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU,ico gihugu kiriyamiriza ibihano bishasha vyagifatiwe na ONU.

Mw’itangazo ryaciye mu kinyamakuru ca Korea yo mu Buraruko, kimenyesha ko kitazokwigera ibiganiro bifise ico bishaka gushikiriza ku bijanye n’ibirwanisho vya nucleaire, mu gihe umutekano waco ukibangamiwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Igihugu ca Koreya yo mu Buraruko kimenyesha ko itazohengeshanya gukora ibikorwa vyo kwongereza inguvu muvya gisirikare, biciye mu gukora ibirwanisho bikomeye.

Ibihano bishasha vya ONU bitegekanya kugabanya umwimbu wa Korea ya Ruguru ku gice c’ica gatatu, kubera ukwanka guhagarika kugerageza ibigwansiho vyo mu bwoko bwa "missile" na "nucléaire".


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha