IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Libiya : Abantu 27 baguye mu gitera c’abihevyi

Libiya : Abantu 27 baguye mu gitera c’abihevyi

mercredi 24 janvier 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko, abo bihevyi bakoresheje imodoka 2 zirimwo ibisasu biturika kugira bakore ico gitero.

Ayo makuru abandanya avuga ko imodoka ya mbere yashitse abantu ba mbere bavuye gusenga basohotse bica bituma benshi muribo bagwa muri ico gitero,imodoka ya kabiri nayo yaturikiye ku rundi ruhande aho abandi bariko barasohokera bavuye gusenga.

Gushika ubu nta murwi n’umwe urashobora kwiyitirira ico gitero.

Abakwirikiranira hafi poritike yo mu gihugu ca Libiya bamenyesha ko mu gisagara ca Benghazi bimenyerewe ko mu minota 15 hashobora guturika ibisasu bishika nka 2.

Kuva mu mwaka wa 2011 uwahoze atwara igihugu ca Libiya Colonel Muhammar Gaddafi akuwe ku butegetsi n’imigwi yashaka gufata igihugu,vyatumye umurwi wiyitira Reta ya Kisiramu wiha indaro muri ico gihugu, akenshi akaba ariwo wikekwa ko ugaba ibitero.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.