Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Libye:Umunyamabanga mukuru wa ONU ariyamiriza igurishwa ry’abirabure - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Libye:Umunyamabanga mukuru wa ONU ariyamiriza igurishwa ry’abirabure

Libye:Umunyamabanga mukuru wa ONU ariyamiriza igurishwa ry’abirabure

mardi 21 novembre 2017

Inyuma y’amasanamu yabonetse mu kinyamakuru CNN yerekana isoko ry’urudandazwa rw’abirabure mu gihugu ca Lybie hafi y’igisagara ca Tripoli, aba na bariya barabandanya gushikiriza ivyiyumviro vyo kwiyamiriza ayo mabi akorerwa abirabure.

Umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres yagize ico ashikiriza yiyamiriza iyo ngendo.Avuga ati :« Naratewe ubwoba n’amasanamu yerekana igurishwa ry’abirabure muri Libye.Ndiyamirije gose iyo ngendo nkongera nkahamagarira abarongozi babijejwe kugira amatohoza mu maguru masha bongere bashire mu butungane abokwagirwa n’ako kabi kabishe. »

Arongera akavuga ati :« Urudandazwa rwa kiremwa muntu ntakibanza rufise mur’iy’isi ya none. Ubwo bubisha buharurwa mw’ihonyangwa rikomeye ry’agateka ka zina muntu.Nteye akamo amakungu kugira urunani rwo kwiyamiriza urudandazwa rw’abantu. »

Ku mugabane wa Afrika, umukuru w’igihugu ca Niger Mahamadou Issoufou yahamagariye Sentare mpuzamakungu mpanavyaha gufata mu minwe ico kibazo agasaba ko mu nama y’Ubumwe bwa Afrika hamwe n’ubumwe bwa Buraya zitegekanijwe ku magenekerezo ya 29 na 30 mu gisagara ca Abidjan, ikibazo c’idandazwa ry’abirabure coshigwa ku kibanza ca mbere.

Igihugu ca Burkina Faso kikaba cahamagaje uwuserukira igihugu caco muri Lybie mu ntumbero yo kwiyamiriza ubwo bubisha bwo kudandaza abirabure.

Ikibazo c’igurishwa ry’abirabure cashitse no mu bakinyi b’abirabure b’umupira w’amaguru, abakinyi Didier Drogba na Serges Aurier bo mu gihugu ca Cote d’Ivoire, Paul Pogba akinira umurwi nserukiragihugu w’Ubufaransa,Cheick Doukouré na Geoffrey Kondogbia wo mu Bufaransa, bateye ivyatsi ibibera mu gihugu ca Libye, aho bose bashikirije ko umwirabure atari uwo kugurishwa.


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.