IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ligue ITEKA: Abantu batatanu barishwe mu kiringo c’indwi imwe

Ligue ITEKA: Abantu batatanu barishwe mu kiringo c’indwi imwe

mardi 7 Ruhuhuma 2017

Ishirahamwe ryishinze gukingira agateka ka zina muntu Ligue ITEKA rimenyesha ko abantu 5 bapfuye,12 barahohoterwa,2 baraburirwa irengero 11 nabo barahagarikwa mu kiringo co kuva kw’igenekerezo rya 30 Nzero gushika kurya 5 Ruhuhuma umwaka wa 2017.

Nkuko biri mu cegerany c’ishirahamwe Ligue ITEKA,abahagarikwa n’abahohoterwa ni abadashigikiye ubutegetsi hamwe n’abari mu migambwe ya Politike idashigikiye intwaro.

Ico cegeranyo kimenyesha ko abahhtewe cane, ari abasirikare bahagaritswe bagirizwa kugira uruhara mu gitero cabereye kw’ikambi y’abasirikare mu ntara ya Muyinga,ab nabo bakaba batarnswa uburyo bwo kwivuza.

Ishirahamwe Ligue ITEKA rikavuga ko ihagarikwa ridakurikije amategeko n’ihohoterwa rikorwa na bamwe mu bakzi b’ibiro vy’igendereza,abapolisi,hamwe n’urwaruka ruva mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.

Muri ico cegeranyo Ligue ITEKA igasaba abo bose babishoboye gufasha kugira habe ibihinduka mu bijanye n’imibano na politike mu Burundi,amazi atararenga inkombe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.