IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ligue ITEKA isaba ONU na UA kurungika abasirikare bokingira (...)

Ligue ITEKA isaba ONU na UA kurungika abasirikare bokingira abanyagihugu

mercredi 22 Ruhuhuma 2017

Ishirahamwe ryishinze gukingira agateka ka zina muntu Ligue ITEKA usaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika kurungika abasirikare bofasha mu gikorwa co gukingira abanyagihugu mu Burundi.

Mu cegeranyo c’ishirahamwe Ligue ITEKA,iryo shirahamwe rimenyesha ko kuva kw’igenekerezo rya 13 gushika kurya 19 Ruhuhuma,umwaka wa 2017,abantu 7 bishwe,umwe aranyuruzwa, 18 barahohoterwa,25 bahagarikwa hadakurikijwe amategeko,mu gihe 2 nabo bakorewe amabi afatiye ku gitsina.

Ico cegeranyo c’ishirahamwe Ligue ITEKA kimenyesha ko abapolisi,abakozi b’igendereza hamwe n’urwaruka rw2’umugambwe CNDD-FDD aribo bakora ibikorwa vyo gusinzikaza agateka ka zina muntu.

Ishirahamwe Ligue ITEKA rimenyesha ko ryiyamiriza ukudahana ivyaha na cane cane mu gihe abavyagirizwa baba ari abegereye ubutegetsi.

Ico cegeranyo c’ishirahamwe Ligue ITEKA kiragaruka kandi ku basirikare bahagaritswe bagirizwa kugira uruhara mu gitero cabaye kw’ikambi y’abasirikare mu ntara ya Muyinga,aho basaba ko umutekano wabo wokingirwa kandi bakaronswa ababafasha kuburana.


IGIHE

Messages

  • None mubamubabikiyiki mugasho abo sibamwe muzamwumva ngobatorotse ?

  • Ehhhh!!!! Nimbwo mbonye ko muburundi hari abagwayi benshi....!!!None ni gute wasobanura ukuntu abanyapolitike bataha(Nzomukunda,Ntibantunganya,....)hanyuma ugatinyuka ngo i Burundi ntihari amahoro?

  • Ninkubwo bushirahamwe bwadutse kuntwaro ya cndd-fdd gusa?abantu bagapfuye kuva 1960 kugera 1993 hose ko ayo mashirahamwe ataryogora,ivyobizehe birakwiy guhabwa igihano bagapfa bayerera kuko agasuzuguro bafise kararenze!!ngira nkwibutse chef wa ligue iteka ko zikonwa ziboroga kandi uburundi sibwo ari ijuru aho tubaho atabapfa mbe bila yabaribwa n.abarozi canke abahabwa isumu bo ko mutayivuga?murateyi isoni kubona mwirirwa murabweja ngo.biracika ukamengo abo musaba babafashe umutekano ukamengo barabuze iyo baja kuwurondera nimuhimbe nabi sha kandi uko kutwasamako twarabihimvye izo ntego nizije ngaho mw.ikambi mahama ngira nibo banyagihugu muvugira ariko apana abar mugihugu.maramara!’!

  • Izo Nteko Mvamakugu Muguma Musaba Nibabanyarukirize Kuzirungika. Mbe Kobatagomba Kumva Agahogo Kanyu? Maze Muce Mujimbere Mubereke Uburundi Bwose Uko Bwifashe. Ariko Harigihe Imana Yompa Nimba Mwibazako Inkoho Zazivye Akica Kunkoho Ntikaravako Ahubwo Muzobaje Imbere,

  • lig iteka twahoratuyemera turayikuyekwamaboko dufatiyekwivyoyanditse yashaje

  • ntanteko nvamakungu zizohonyoza ikirenge muburundi abazipfuza nibacire birarura 1972 kobatazisavye ubu demokarasi yatsimbaye muburundi nihobarosakanya kogusabinteko abonibamwe bicandadaye baterekwa itwarorusangi baraz igitega tubigishe kubananabandi

  • iri shirahamwe Ligue iteka rirafise abantu rituma kugandagura abanyagihugu kugirango rironke ibiziga riguma ryereka bashebuja babazungu ngo muburundi biracika, aba bakorana nabashatse gutembagaza ubutegetse basangiye umugambi wogucafuza isura yuburundi mumakungu

  • Uburero ndemeye ko irishirahamwe rishobora kubaryakira amahera ya babiligi rigaheza rikarondera aboriyaha bagaheza bakaja kwica abene Burundi abandi bakikoresha amabi maze bafatwa niyo ikaba business yabo yokumena amatwi abarundi ngonihanze abasirikare Burundi ngo bampuzamakungu.
    Rekandababaze: mbeburya mu Burundi ko muburundi arabasirikare mpuzamakungu bahari ntidusumvya umutekano Somalia harabasirikare mpuzamakungu? Ntibagiwe nahandi harabasirikare mpuzamakungu?
    Nobagirinama ndababwira nti reka kugumamwakira amahera yabasi buburundi nabarundi atuma mumarisha benewanyu mwongera muteza urubwa igihugu mwita icanyu nyabike maze mureke kwiha amenyo yabasetsi.

  • Uyumugabo akoresha izina rya Mpozamarira Erias, mukwandika ivyo yiyumviriye bijanye nubwenge bwiwe, asirudiye kutumiya jina rangutena, tumiya rakwako.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.