Ligue Iteka : Abantu 9 barishwe, 4 baranyuruzwa mu kiringo c’indwi imwe

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 14 Ruheshi 2017 saa 08:24
Yasomwe : 1962
0 0

Ishirahamwe Ligue ITEKA rimenyesha ko abantu 9 bishwe.4 baranyuruzwa,12 nabo barahohoterwa mu kiringo c’indwi,yo kuva kw’igenekerezo rya 5 gushika kurya 12 Ruheshi 2017.

Nkuko biri mu cegeranyo ishirahamwe Ligue ITEKA risohora uko indwi iheze,abantu barenga 84 barahagaritswe hadakurikijwe amategeko, abakenyezi 3 nabo bafatwa ku nguvu.

Muri ico cegeranyo Jean Baptiste NSABIMANA umuyobozi nshingwabikorwa mw’ishirahamwe Ligue ITEKA amenyesha kandi ko ibiziga bitari bike vyatowe mu bice bitandukanye vy’igihugu.

Jean Baptiste NSABIMANA avuga ko abanywanyi b’imigambwe itavugarumwe na Reta babandanya guhohoterwa,na cane cane abanywanyi b’umugambwe FNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA, hamwe n’abanywanyi b’umugambwe MSD.

Umuyobozi nshingwabikorwa mw’ishirahamwe Ligue ITEKA akavuga ko abakora ayo mabi ari urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi,abasirikare n’abapolisi bataye umurongo.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha