IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Lt Col Ngendahimana : "Nta nyungu Urwanda rwogira mu kwica canke kubona (...)

Lt Col Ngendahimana : "Nta nyungu Urwanda rwogira mu kwica canke kubona NYAMITWE apfuye"

mercredi 30 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Inyuma y’igitero c’ukugandagura Willy NYAMITWE, umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, Uburundi bwagirije Urwanda kuba inyuma y’uwo mugambi. Umuvugizi w’igisirikare c’Urwanda yiyamirije ivyo vyagirizwa Urwanda.

Lt Colonel René Ngendahimana yabwiye bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru IGIHE mu Rwanda ko Uburundi bwari bukwiye kugaragaza ibimenyetso bufatirako mu kuvuga ko Urwanda rwagize uruhara muri uwo mugambi w’ugushaka kugandagura Willy NYAMITWE. Uwo avugira igisirikare c’Urwanda amenyesha ko ata nyungu n’imwe Urwanda rwogira mu rupfu rwa Nyamitwe.

Yagize ati : “Ayo makuru natwe twayabonye mu binyamakuru nk’abandi kandi kuba bavuga ko haba hari umusirikare w’u Rwanda cyangwa u Rwanda rubiri inyuma, uretse kubivuga, bakabaye babitangira n’ibimenyetso bifatika kuko n’uwo musirikare bavuga bakabaye bavuga bati ni runaka, amazina ye ni aya, ibimuranga ni ibi kuko abasirikare b’u Rwanda bose bafite ibibaranga.Twebwe icyo tuzi ni uko ibyo ari ibinyoma bidafite ishingiro.”

JPEG - 247.4 ko
Lt Colonel René Ngendahimana, umuvugizi w’igisirikare c’Urwanda

Yabandanije agira ati : “Ikindi kandi abantu bakwiye kumenya, iyo ntabwo ari imikorere cyangwa se gahunda y’u Rwanda kwivugana abayobozi b’ikindi gihugu. Nta nyungu n’imwe u Rwanda rwagira mu kwica cyangwa mu kubona Nyamitwe apfuye kuko ntacyo arutwaye, nta bwoba na buke ateye u Rwanda ku buryo rwakumva rutekanye ari uko apfuye.”

Lt Col Ngendahimana yavuze ko ingabo z’Urwanda zidashobora kuja "mu bikorwa nk’ivyo bidasobanutse", ndetse ko ivyashikirijwe n’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi ari "amajambo atarimwo ukuri".

Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko igitero cakozwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere kuri Willy NYAMITWE cobazwa igihugu c’Urwanda, kuko kubw’igiporisi, igihugu c’Urwanda gifise umugambi w’ukurondera guhungabanya inzego z’Uburundi, ico gihugu kikagirizwa ko kiriko kirondera kugandagura abari muri izo nzego.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, inyuma y’aho Willy NYAMITWE umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ahatswe kugandagurwa n’abantu bamutegereye atashe bakamurasa, OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, yamenyesheje ko amatohoza yamaze kwerekana ko abagira bagandagure Willy NYAMITWE bava mu gihugu c’Urwanda, akavuga ko ari umurwi usanzwe umurondera kugira umwice.

OPP1 Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi yagize ati : "Muri uwo murwi abajejwe umutekano bari baramenyemwo bamwe. Hariho umusirikare umwe mutoyi yitwa Caporal NDUWIMANA Jean Claude yari yigeze gufatwana inkoho ntoyi zitwa pistolets zibiri, aca arabavuga ko abashaka kugandagura urya muntu [Willy NYAMITWE] ari abari mu Rwanda, harimwo mbere n’umusirikare umwe w’umunyarwanda, hakabamwo n’abarundi bose bari i Kigali. Batuma abo bantu kugira bamugandagure"

JPEG - 57 ko
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

IGIHE

Messages

  • tuzakomeza kubanyomoza mububeshyi bwanyu , nyamitwe ntabwoba ateye mu Rwanda ntanakimwe yogira u Rwanda kuburyo u Rwanda rwajya mumicafu nkiyo yabarundi yubwicanyi , asante sana afande wetu ngandahimana.

  • Raba sha Abana b’Imana,murekane n’ibijuju vy’iwacu mu Burundi,turabizi ko bababeshera, banyarwanda ni mwirambire, Rwanda songa mbele

  • Amayeri Yanyu Turayazi.Twebw Ntamajambo Menshi Tuzi Kuvuga Mugabo Ibiriko Biraba Guhera Mumwaka Uhez Numwana Ataramenya Ubwenge Aramaz Kubimenya.Nurwo Rubanza Yoruca

  • Abarundi mukwiye kwicara mugakemura ibibazo by’igihugu cyanyu aho kwirirwa muvuga urwanda ntaho bizabageza kuko nibyo muvuga ntawabyemera ibibazo murimo nimwe mwabyiteye,icyo urwanda ruzira nuko rucumbikiye impunzi z’abarundi ntakindi,kwirirwa musebanya iyo politike yanyu irashaje,ariko ingabo zanyu zijya somalie nta experience zirakurayo none igihugu cya somalie nibande bagisenye atari aba somalie ubwabo na barundi nibo barigusenya igihugu cyabo.Usibye ko utabuza inyombya kuyomba Nkuriye go head nibigambo byawe.

  • Uretse ko mudashoboye no kwisigura, biragaragara neza ko urwanda rufise amakosha meshi cane kubantu bamaze kwicwa mu burundi. ariko nkabo mpanura bari bakwiye kwiga biographie y’abarundi bakamenya uwo bariko bakinatisha

  • Komera aho nukugira Ngo babatere ubwoba Ngo ntimuze mukunde mubabaze abantu banyu bakishe mukinumira burya barabaciye mukigo nico gituma agakomakomanye kose Baca babesha Ngo nurwanda kukigarango ntimubaze ibijanye ninka zabanyagihugu banyu zirwa ziribwa nimbonerakura mbe aho babatako ibitabapfu kwabarundi twahagurukiye kubarwanya mbona turi isinzi yaba ngaha mugihugu nohanze bazodushirahe nibarindi bawote bawucana babona tuzohangana nabo gushika mpaka ico nosaba mutama kagame nuko ababantu aho bakiturishirije imibe yogira igihe akabereka ko atakidashoboka kandi turamwizeye ko Ari mubantuu banka agasuzuguro nkaka burya turetse ko abobantu wogira Ngo barwaye mumutwe burya urwanda rwokwinjiramwo ibintu bikaba bimeze uko biri mbe ukwo nukugira Ngo mwiyemere ko mukomeye

  • Imitwe ya Nyamitwe yerekana yuko asanzwe ari Umunyamitwe. Izina niryo muntu! Ca c’est de la provocation et le coup monté par Akagwi ka Nyamitwe

  • MWIHANGANE.KUBGAMENYEKANYE BAMWE MUBAKOZE ICOKIBI,NUKUVYIKURAKO BAVYEGEKAKUBUBANDI,ABONABAMUHEKENYERIMISAYA.MWOCAMUTURUSAKU K,UGWANDA?NIWEYAKOREYIBIBI URWANDA KUGIRABAMWICEWEWMKA?ABANTU TURATERANYE.SUBIZEHAMWE.

  • Mbega harya iyushigikiy inkoz yikibi weho ntuburinkoz yikibi? Urwanda nigwemere kubugiz bwanabi bwirirwa buraba mu Burundi burinyuma yabwo. Erega Urwanda ntaco gwemera. Mwibagiye abene gihugu babarundi rumaz kugandagura ariko rugatanga ibisubizo bidafashe? Ivyobakora vyose bamenye kumut wurwanda urikuziko umunsi uzosha bazobona cha mutema kuni. Nibabandany bakoz agatoki mujisho ryingwe muvyotera ubwoba Uburundi Urwanda nirurimwo.

  • Mwaba benshi mwe!!! muramaze guhinyuka

  • OP1 Pierre NKURIKIYE avuga umengo afise ubwoba. Raba umusoda w urwanda uko avuga yemanze nta bwoba afise. bica bikwereka uvuga ukuri n umubeshi. OP1 Pierre NKURIKIYE kuvuga araba hasi vyerekana ko ariko arasoma canke avuga ivyo yaborotse bamutumye gusomera abamenyeshamakuru. n akamaramaza.

  • Mwitegereje neza mwa Barundi mwe imfura igaragara mu ifoto ibanza, hanyuma mugereranye n’iyo foto ya Bihehe yo hasi !

  • hahhh...Nibabaveko nta dwanda rubirimwo.

  • Abo banyarwanda bamye bakamisha Genocide kanatsinda urwanda rubaho kubera genocide,
    none rero barundi abo banyarwanda ntiboshobora kuvugisha ukuri. Ico Uburundi burinda gukora nu guhasha vy’ akarorero iyo reseau criminel ikoreshwa n’ urwanda

  • Urwanda ntaco ruzoshikako kubera rurazi neza kogobona ico intozo yaboneye ku mugezi

  • UGWANDA NUBWO MUHAKANA HARIGIHE MUZOVYEMERA NTIMWIBAZE NGUBURUNDI NIKONGO HARIGIHE MUZICUZA UGUTWI KWIHENE KWUNVAKWOKEJE BURYA YUGUMA UBONA TWINUMIYE HARIGIHE MUTAZOHAKANA NBEZAMPUNZI NTIMURAZIMURIRA MURI AMERIA UMUTEGO WIKINYOMA UCHIBUKA NYIRAWO AKIWUTEGA NGEJEJEHO NIMWIHANURE HARIGIHE MUZICUZA AKATARETSE KABAGASEMA BANDANYA UTUVYONGE

  • Actually abiyita bose ko bari muri goverment ya nkurunziza byitwa ko ari soma mbike be nta muntu muzima wincabwange urimo. Kweli nkuyu nkurikiye iyi ni statement umuvugizi wurwego nkaruriya yabwira abanyamakuru atanafitiye gihamya ? Buriyase si ukwigira ridiculous

  • ariko urwanda rurakeneye nyamitwe niyiterekere umutwe abamuzi baramuzi yironderere inoti nayo uwomwica yoba yiteye imikoshi hiiiiiii

  • Muza guhinyuka ababikoze bari bose reka turindire ukuri!

  • Mbega mwa banyarwanda mwe, mwatekereje ko ivyanyu bitarashira ni nka Bombe a retardement, un temps àun temps mushobora gusubira muri Genocide muriko mukinisha bande?

  • Nimuve ku rwanda vya baburiye! reka guta urusaku kubanya rwanda, iyumugabo vyamunaniye kubaka urwiwe avuga ngo ninaka niwe yansambuje.Nawe arubugugu bwiwe bwokutamenya kubaka urwiwe, mbega urwnda rworondera NYAMITWE kubiki ? ni mwimaranire mwebwe nyene, mureke urwanda. Ese iyomubamwavuga yuko mwafashe umusonda wu rwanda ngaha mugisagara ivyomuvuga biba vyumvikana, none nikiryoma cambayubusa mutangaza kuma radio nokumboneshakure,iIvyo ntanakimwe bizobungura ahubwo nugutumutwe.

  • Urwanda nirurindir ruzobona ico imbw yaboney kumugez bahizekesh abarundi buca natwe tubahiga bontituzohush.

  • Bantu mwese muhora muvuga Urwanda ko arirwo rwateje kandi rugiteza ikibazo mu Burundi, mwumva mutibeshya??

    Ikindi mwa barundi mwe, muvuga ko mufite ubushobozi, niba mwibwira ko ari Urwanda, mwakoresheje ubwo bushobozi mugahagarika ibyo bikorwa mugihugu cyanyu....niba kandi ntabushobozi mufite, aho gusakuza muhora muvuga amagambo amwe kandi atabafasha, nimuve muguhangana mubidashoboka mwubake igihugu cyanyu

  • Hhhhhhhhhhhhh afande wacu ndamweye azi gusubiza kbsa, Ati nyamitwe ntaboba ateye u Rwanda kuburyo rwamwifuriza urupfu.... Ubundi se sibyo afande arabeshya? Banza urebe nuburyo yaberewe urabona ko ari umusirikare ushize amanga. Abarundi aho bukera muramarana kubera amoko. Mubigambo byo umuntu yabaha 100% Ariko mubikorwa 0% nzabemera umunsi mwarenze akanyaru ibyo mwirirwa musakuza mukabishyira mubikorwa ubundi muhure nkibatsi cy’umuriro

  • @ Ukuri, uzoshima kuwo ushima koyakugiriyenabi niwabona ivyobakorera uburundi bigeze igihe cavyo bikaba nawe ahuherereye kuko akataretse kabagasema kuko twabahaye umwanya ukwiye kugira mureke ariko ivyodukeneye nivyakwira muzoheza muvugengo iyotwanenya.

  • Abo Bamenyeye Nabi. Aho Ntibotanga Amahoro Kubarundi Tukaruhuka !

  • Abo Bamenyeye Nabi. Aho Ntibotanga Amahoro Kubarundi Tukaruhuka !

  • Urwanda igihe rwakadusotoreye burya nirurindire!Akataretse kaba Gasema,kand’intabwirwa yabwiwe nuk’amas’atukuye.ariko barabahenz basha!abantu bacu mumaz kwica nibesh,arko rindira,tuzobahirumuti.

  • Igihe Bakadusotoreye Nibarindire.

  • Igihe Bakadusotoreye Nibarindire.

  • Abarwanda baravuye mubu mayibobo, bagaca bibaza ko ubu ibintu vyose babishoboye ariko barahumba. Akaretse karasema

  • abarundi mwirirwa muvugango urwanda rubatesha umutekanu,umunsi ruzahaguruka uburundi buzasibwa kwikarita yisi. urwanda rwateye imbere kurusha uburundi kureee!!! ninkokubona somalia ivuga ngo iratera America abarundi bazi ubwenge biyizira muri leta zunzubumwe zu Rwanda kuhashaka ubuzima kuko ari igihugu cyateye imbere.

  • abarundi mwirirwa muvugango urwanda rubatesha umutekanu,umunsi ruzahaguruka uburundi buzasibwa kwikarita yisi. urwanda nigihugu cyateye imbere kurusha uburundi kureee!!! ninkokubona somalia ivuga ngo iratera America abarundi bazi ubwenge biyizira muri leta zunzubumwe zu Rwanda kuhashaka ubuzima kuko ari igihugu cyateye imbere.

  • nukuri igihu cugwanda murakibehsera iyo nteguro siyo

  • ariko izo comments ko zitagira imizi ra>>ubwo se uyo spoksman yabonye ivyemezo koko ko uRwanda rubimo koko..kuko ntabyo yatanze tube tureka kwibeshya...ndabwira abakora za comments zo gushygikira spoksman wa burundi police...

  • Nanje ndumva kuvuga ko urwanda nukuvuga Leta y’urwanda yoza murivyo bitumvikana ariko igishoboka abarundi bahungiye mu Rwanda bafadikanije n’abasirikare bamwe bamwe b’urwanda kugatwe kabo aribo bategura ivyo. Ari nivyo rero Leta y’urwanda irabibazwa kuko yotegerezwa gucungera neza ntihagire uwubateranya n’ibihugu bivandimwe kumvo ziwe bwite.

  • Murahumba banyarwanda, ntaco muzoshikako, tuzobaza dushwanyaguze ary’ amagufa asigaye ya Kagame kugira tumushire hors d’ etat de nuire.

  • @jean urinda utega iminsi urwanda mwazaje mugatanga uwo muti muvuga nimumaze 2ans musakuza gusa
    umurongo ntarengwa waraciwe namwe ubwanyu usibye gusakuza gusa murabizi ko mutakorako hahahah kd uzaduhungirako wese tuzamwakira neza cyane ntabwoba dufite wangu uzabaze neza u Rwanda bazakumbwira.

  • Hhhhhhhhh reba nawe uwo muvugizi wigiporisi cy’uburundi urabona Ko no mumaso abeshya kabisa ari gusoma ibyo bamwandikiye. No mumaso biragaragara Ko abeshya kweri

  • Nukur Urwanda Rurakwiye Kwisubirako Mukumvikana N’Abarundi Ego !

  • Abarundi narababwiye nti mu bigambo umuntu yabaha 100% ariko mu bikorwa 0% kabisa usibye gutukana harikindi mushoboye? Reba nawe uwo mujyi wanyu wuzuye umwanda!!! Mwe koko ntibibatera isoni? Mujye mwirirwa mukorongana inyuma yakanyaru. Nzabemera umunsi ibyo mwirirwa muvuga ngo muzamesa Abanyarwanda!!!! Ibyo nukwikirigita ugaseka ndabarahiye. Ibihano mwafashe ntacyo byadukozeho iyo myembe yanyu ubu turayibona kugiciro kiza ivuye TZ.

  • Ubwambr Dutey Ivyac Uwumugw Wabicany Tubararkir Guhindura Ingendo

  • NTA BANDI BIPFURIZA INABI UBURUNDI ATARI URWANDA .NI BABIHEBE VYOBAFASHA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.