Bujumbura: REGIDESO ivuga ko hari ibikorwa bizotuma itangwa ry’amazi ritagenda neza muri Mukaza na Muha

Yanditswe na IGIHE
Kuya 12 July 2018 saa 08:26
5775
0 0

Ishirahamwe rijejwe gutanga amazi n’umuyagankuba REGIDESO rimenyeshako ku magenekerezo ya 12 na 13 Mukakaro 2018 itangwa ry’amazi ritazogenda neza mu makomine ya Muha na Mukaza kubera ibikorwa vyo gusanura bitegekanijwe k’umuhora uherereye hagati mu gisagara ca Bujumbura.

Mw’itangazo inomero 1427/503-01 ryateweko umukono n’umukuru wa REGIDESO Simeon HABONIMANA risaba abanyagihugu gukora ibishoboka kugira bitunganye mu gihe ivyo bikorwa bizoba bikibandanya.

Simeon HABONIMANA avuga ko ivyankenerwa vyose biriho kugira ico gikorwa kizonyaruke.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha