IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Makarenko : "Ni igicapo kibi kuri Donald TRUMP na Reta arongoye"

Makarenko : "Ni igicapo kibi kuri Donald TRUMP na Reta arongoye"

mercredi 15 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Abahinga muvya politike mu gihugu c’Uburusiya batangaje kuri uwu wa kabiri, uburyo babona itanga ry’imihoho rya Michael Flynn, umuhanuzi mukuru ajejwe ivy’umutekano mu biro vy’umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Boris Makarenko, arongoye inama nkuru y’ikigo kijejwe ivya politike n’ubuhinga bwa none, gikorera mu Burusiya, amenyesha ko iryo tanga ry’imihoho riha igicapo kibi umukuru w’igihugu Donald Trump na Reta arongoye.

Kubwa Makarenko, nk’uko tubikesha VOA, n’abakozi bo mu biro vy’Umukuru w’Igihugu barenze ku mategeko menshi, ayanditswe n’ayatanditswe. Uwo muhinga muvya politike amenyesha kandi ko ikiganiro cabaye hagati ya Amerika n’Uburusiya cega benshi mu bategetsi ba Reta, kandi ko inyungu z’ivyo bihugu ukwari bibiri zitarabwa n’umuntu umwe, yamara zirabwa na benshi mur’abo bategetsi.

Uwundi yagize ic’ashikirije k’ugutanga imihoho kwa Flynn n’umuhinga muvya politike ya Amerika, mw’ishure ryisumbuye ry’ubutunzi I Moscou m’Uburusiya, Alexander Domrin. Kubwiwe ngo yari yiteze ko ukwo gutanga imihoho kwa Flynn kwari gutanga inyishu ku bibazo bitari bike vy’abamenyeshamakuru bakorera m’Uburusiya, no mu bahinga batandukanye. Domrin avuga ko gutanga imihoho kwa Flynn bitanga igicapo kibi kuri Reta ya Prezida Trump. Akavuga ko ar’intsinzi ku banywanyi b’umugambwe w’aba Demokrate, hamwe n’ibimenshamakuru vyo muri Amerika.

Dmitry Peskov, ajejwe kumenyekanisha amakuru mu biro kwa Prezida Vladimir Poutine w’Uburusiya yatangaje ko gutanga imihoho kwa Michael Flynn, ar’ikibazo cega ubutegetsi bwa Amerika. Peskov yatangaje ko hakiri kare kugira avuge ku ngaruka bifise ku migenderanire y’Uburusiya na Amerika.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.