Accueil > Amakuru > Mu makungu > Malaysia: Babiri bikekwa mu rupfu rwa Kim Jong-nam bahagaritswe
Malaysia: Babiri bikekwa mu rupfu rwa Kim Jong-nam bahagaritswe
vendredi 17 Ruhuhuma 2017
Abantu babiri,umugore ava mu gihugu ca Indonesia hamwe n’umugabo bibaza ko yoba ari umugenzi wiwe barafashwe kuri uno wa kane igenekerezo rya 16 Ruhuhuma,umwaka wa 2017, kugira babazwe ku rupfu rw’uwuvukana n’umukuru w’igihugu ca Koreya yo mu buraruko Kim Jong-nam rwabereye muri Malaysia.
Kim Jong-nam yapfuye ku munsi wa mbere igenekerezo rya 13 Ruhuhuma,umwaka wa 2017, bikikekwa ko yoba yahawe uburozi mu gihe yari arindiriye indege imujana i Kuala Lumpur.
Igipolisi ca Malaysia kivuga ko cahejeje gupima ikiziga kirondera kumenya icamwishe, ariko ntikirashobora gushira ahabona ivyavuye mu matohoza.
Uwurongoye igipolisi ca Malaysia, Sri Khalid Bin Abu Bakar, yavuze ko uwo mugore yafatanywe n’umugabo yapfunzwe ku munsi wa kane igenekerezo rya 16 Ruhuhuma,umwaka wa 2017 ku bijanye n’urupfu rw’umugabo wo muri Koreya,ariko ntiyashimye kubivugako vyinshi.
Icegera c’umushikiranganji wa mbere mu gihugu ca Malaysia Ahmad Zahid Hamidi yaremeje ko uwo mugabo yishwe, agendera kw’ izina rya Kim Chol, ari Kim Jong-nam, nkuko itororokanirizo ry’amakuru Bernama ribimenyesha.
Amakuru atari make amenyesha ko igihugu ca Koreya yo mu buraruko yoba iri inyuma y’urupfu rw’uwo mugabo, ariko ntakiravyemeza.
IGIHE