Malte : Umumenyeshamakuru Daphne Caruana Galizia yahitanywe n’igisasu yatezwe

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 17 Gitugutu 2017 saa 02:39
Yasomwe : 9549
0 0

Umumenyeshamakuru Daphne Caruana Galizia azwi cane mu mazinga ya Malte yakunda kwandika inkuru zijanye n’ibiturire biribwa n’abanyeporitike muri ayo mazinga yasize ubuzima inyuma yaho igisasu bamuteze giturikiye.

Amakuru ava aho mu Mazinga ya Malte amenyesha ko ico gisasu bagiteze mu modoka yiwe mu gihe yashaka kuja mu buraruko bw’iryo zinga.

Daphne Caruana Galizia yakunda kwandika ku rubuga rwiwe amakuru y’abanyeporitike bakomeye bo muri iryo zinga barya ibiturire, na cane cane umushikiranganji wa mbere Joseph Muscat hamwe n’umupfasoni wiwe bivugwa ko bakoresha amakonte atamenyekana kugira banyegeze amafaranga bahabwa, ariko uwo mushikiranganji n’umupfasoni wiwe bakaba bavyamirira kure.

Inyuma y’urwo rupfu rwa Daphne Caruana, umushikiranganji wa mbere Muscat yashikirije ko agiye gukora ibishoboka kugira abakozwe ico gikorwa kigayitse kitari bwabe murii co gihugu bamenyekane kandi bashigwe imbere y’ubutungane.

Daphne Caruana Galizia yavutse mu mwaka w’i 1964 i Sliema muri Malte akaba yitavye Imana afise imyaka 53.

JPEG - 41.6 ko
Umumenyeshamakuru Daphne Caruana Galizia

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha