Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Man Hee Lee:’’Gutsimbataza amahoro n’igikorwa c’umuntu wese kw’isi’’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Man Hee Lee:’’Gutsimbataza amahoro n’igikorwa c’umuntu wese kw’isi’’

Man Hee Lee:’’Gutsimbataza amahoro n’igikorwa c’umuntu wese kw’isi’’

jeudi 16 Ntwarante 2017

Umukuru w’ishirahamwe HWPL (Culture céleste, Paix mondiale et Restauration de la Lumière) amenyesha ko Man Hee Lee amenyesha ko gutsimbataza amahoro atari igikorwa c’umuntu umwe ,ariko ko ari igikorwa c’umuntu wese kw’isi.

Mu gihe kuwa kabiri igenekerezo rya 14 Ntwarante,umwaka wa 2017 ishirahamwe HWPL ryatunganije ihuriro mu ntumbero yo guhimbaza umwaka uheze ritanguye, Man Hee Lee yamenyesheje ko intumbero yo gushika ku mahoro iraba uwariwe wese ata numwe av uyemwo,harimwo n’amadini.

Man Hee Lee arongoye HWPL (Culture céleste, Paix mondiale et Restauration de la Lumière yamenyesheje ko igikorwa c’ishirahamwe arongoye ari ico guhagarika intambara , bigatuma amahoro atsimbatara kw’isi.yavuze kandi ko inyishu yotuma amahoro atsimbatara vy’ukuri ari uko bose boba intumwa zijana amahoro kw’isi.

Ku ruhande rwiwe, ashikiriza ibikorwa bizorangurwa na HWPL mu ntumbero yo gutsimbataza amahoro yavuze ko abakenyezi n’abana aribo bashirwa imbere mu ntambara, ariko ko ishirahamwe HWPL rigiye kubuza ko aribo boja imbere kuko babishatse mu ntumbero yo gushinga umushinge w’amahoro.

Ivyo birori vyabereye ku murwa mukuru wa Koreya y’Ubumanuko Seoul, vyitabwe n’abarongozi 700.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.