IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Mediterranée : Abantu barenga 200 baburiwe irengero

Mediterranée : Abantu barenga 200 baburiwe irengero

vendredi 4 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Umuvugizi w’ishirahamwe ryitaho impunzi HCR yemenyesheje ko abantu 29 bari muri bumwe mu bwato bikekwa ko bwibiye hafi ya Libya bashoboye kurokoka. Abandi baharurwa mw’ijana na mirongo ibiri ntibazwi irengero.

BBC ivuga ko abandi bantu babiri bariko baroga bava mu bwato bugira kabiri batabawe. Bavuze ko abo bari kumwe nabo nyene bagera ku 120 mu bwato bugira kabiri, baburiwe irengero.

HCR imenyesha ko abenshi mu bari muri ubwo bwato uko ari bubiri bashobora kuba baturuka munsi y’ubugaragwa bwa Sahara.

Ishirahamwe mpuzamakungu HCR rimenyesha ko abantu barenga 4200 bapfuye canke baburiwe irengero mu kiyaga Mediterranee.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.