Accueil > Amakuru > Mu makungu > Michael BLOOMBERG : "Amerika ishobora kwubahiriza amasezerano y’i (...)
Michael BLOOMBERG : "Amerika ishobora kwubahiriza amasezerano y’i Paris."
samedi 3 Ruheshi 2017, par
BBC ivuga ko Michael BLOOMBERG yahoze ari umukuru w’igisagara ca New York akaba ari intumwa idasanzwe ya ONU mu bijanye n’ibisagara hamwe n’ihindagurika ry’ikirere, yashikirije ko Amerika ishobora kwubahiriza amasezerano y’i Paris mu gihe ibisagara vyose vyo muri Amerika vyokorera hamwe n’ama Reta yose agize Reta zunze Ubumwe za Amerika, bifadikanije n’ibigo bikomeye vy’ubudandaji, vyoshobora kugondoza Amerika ikagaruka muri ayo masezerano.
Michael BLOOMBERG yavuze ati : ”Abanyamerika ntibazokwemerera Washington ko Abanyeporitike bahagarika amasezerano y’i Paris.”
- Michael BLOOMBERG
Mwomenya ko Amerika, Ubushunwa, Ubuhindi hamwe n’ibihugu vya Buraya biri mu bihugu vya mbere kw’isi birekura ivyuka vyinshi vyonona ikirere, ku buryo Amerika ivuye burundu muri ayo masezerano vyozana ingaruka ikomeye.
Vianney BIKORIMANA