IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Nigeria : Abantu 60 baguweko n’inzu

Nigeria : Abantu 60 baguweko n’inzu

dimanche 11 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Ibiziga vy’abantu 60 nivyo bimaze gukurwa mu bihomoka vy’isengero ryaguye mu gisagara ca Uyo kiri mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nigeria.

Amakuru ava aho vyabereye avuga ko abahasize ubuzima ari benshi gusumvya abo, ibitaro bikavuga ko ivyumba bibikwamwo ibiziga vyo muri ico gisagara vyarengewe.

Urusenge rw’iryo sengero rwakorokeye ku bariko barasenga kuri uwa wa gatandatu, mu muhango wo gutanga ubusenyeri.

Ababibonye bavuga ko iryo sengero ryari rikiriko rirubakwa.

BBC ivuga ko Buramatari w’intara ya Akwa Ibom, Udom Emmanuel, nawe nyene yari muri iryo sengero ico gihe ariko akarusimba, akaba yaciye ashiraho iminsi ibiri y’ikigandaro.

Umukuru w’igihugu ca Nigeria, Muhammadu Buhari, yavuze ko vyamubabaje cane. Ugukoroka kw’inyubakwa muri Nigeria ni ibintu bishika cane, ahanini bitewe n’uko bubakisha ibikoresho bitabereye hamwe no kutubahiriza amategeko y’inyubako.

Haciye imyaka ibiri abantu barenga amajana abiri basize ubuzima mw’isengero ryabaguyeko mu gisagara ca Lagos.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.