Nigeria: Papa Francois yagabishije abapatiri banse kwemera Musenyeri yagenye

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 12 Ruheshi 2017 saa 03:30
Yasomwe : 10773
0 0

Umwungere w’ishengero Katolika Papa Francois asaba abapatiri bo mu gihugu ca Nigeria muri diyoseze ya Ahiara ko bamwemera bakemera n’umusenyeri Peter Ebere Okpaleke yagenye arongora ako gace, mu minsi itarenga 30.

Papa Francois yavuze ko mu gihe abapatiri batazokwemera musenyeri Peter Ebere Okpaleke amaze imyaka itanu yaragenywe kubarongora azoca abirukana.

Abapatiri bo mu gace ka Ahiara mu gihugu ca Nigeria banse kuyoboka Musenyeri Peter Ebere Okpaleke yagenywe na Papa Fracois bavuga ko ava mu bwoko batipfuza.

Abakirisu bo muri iyo diyoseze ya Ahiara bari basavye Papa Francois ko yogena umusenyeri wo mu muryango w’aba Mbaise.

Ku bwabo banyeshengero ba katolika ,ntivyumvikana ingene batari bwaronke umusenyeri avuye muri uwo muryango yagenywe kurongora diyoseze yabo.


Kumenyekanisha

1
Felix Muhire 14-06-2017 à 00:00

Nyen’ubweranda ?

2
Aristide Noris 13-06-2017 à 14:47

None baremerako mu mategeko agenga Ekleziya catholika ico gikorwa co kugena abasenyeri ari Nyenubweranda Papa agifitiye uburenganzira? Ikindi nagira ko ari abihebeye Imana batahura neza ijambo ry’Imana bari kumenyako hari ubwoko bumwe gusa kw’isi: UBWOKO BW’IMANA kuko Imana yaremye umuntu imwishushanyako. Ndibaza ico bigisha abakristu babo mugihe baba bafise ivyo vyiyumviro.Mbe ko ubuzima tuniganira ngaha kw’isi ari ubuhera, mu buzima buzokurikira kuwemera hari amoko azoba ariyo?Nibaba bashaka kwiyonkora kuri autorité du Pape(sibo bazoba babaye aba mbere), nibabigire ukundi bahindure idini baje muzindi zigenga kuko ni nyinshi .Ubutumwa ntibuzobura kubandanya. IBINTU VYARACANGANYE ntawukimenya itandukaniro riri hagati y’abememera n’abatemera. Abo nabo bafata umwanya wo gucira urubanza umukuru wa Ekleziya catholika_kenshi batanayiyoboka_ntaco bibafasha. Ko Papa aba umwirabure canke umunyafrika, umunya aziya,umunyamerika canke umunyaburaya canke umunya oseyaniya sico kibazo.Ikibazo ni ko yoba arangwa n’ubweranda.Ibisigaye Imana iravyikorera.

3
Felix Muhire 13-06-2017 à 07:28

Harakwiye kuba revolution catholique, tukimika umupapa w’umunyafrika, ako gasuzuguro kagahagarara! Ni naba nibeshe murambwira!

4
Karire 12-06-2017 à 19:55

Hahahahaha,
L’Occident ntirategera ko Afrika yamaze kwikangura, ubukoroni ubwaribwo bwose butakigira ikibanza. Urukiza ruzova muri Afrika. Uwo mu Papa aho kwiyumvira igituma abo bapadiri banka uwu musenyeri, ariko atera ubwoba ngo aca abakura. Hahahaha.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha