IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Nijeriya : Reta igiye kwongereza indege zirondera abana banyurujwe

Nijeriya : Reta igiye kwongereza indege zirondera abana banyurujwe

lundi 26 février 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko, abakobwa barenga ijana aribo bashobora kuba baranyurujwe n’abarwanyi ba Boko Haram mu ntara ya Yobe, iri mu buraruko bushira ubuseruko.

Abajejwe intwaro mu gihugu ca Nijeriya bavuze ko abapolisi hamwe n’abakuru b’abajejwe umutekano barungitswe ku mashure kugira bakinge ibindi bitero vy’abarwanyi.

Iradiyo y’abongereza BBC, ivuga ko, Reta ya Nijeriya vyayitwaye indwi yose kugira yegeranye uburyo bukwiye bwo kurondera abo bana b’abakobwa.

Hari kandi n’amakuru avuga ko abasirikare bakuwe ku birindiro igihe gito imbere y’uko ico gitero kiba, ariko Reta irabihakana.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.