IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Nijeriya : Umurwi Boko Haram wagarukanye bamwe mu bigeme yari (...)

Nijeriya : Umurwi Boko Haram wagarukanye bamwe mu bigeme yari yaranyuruje

mercredi 21 mars 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko,abanyagihugu bavuga ko benshi ku bigeme 110 bagarukanywe mu modoka, mu gitondo co kur’uno wa gatatu igenekerezo rya 21 Ntwarante 2018.

Ayo makuru ya BBC, amenyesha ko ivyatumye abo bigeme bagarukanwa bitaramenyekana, ariko hari amakuru avuga ko batanu muri abo bitavye Imana.

Hari haheze ukwezi kurenga abo bigeme banyurujwe, ariko ntawuremeza irekurwa ry’abo bigeme, ariko umusirikare yari ku kirindiro yavuze ko umuhari Boko Haram wazanye abo bigeme.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.