Accueil > Amakuru > Mu makungu > Nijeriya : Umurwi Boko Haram wagarukanye bamwe mu bigeme yari (...)
Nijeriya : Umurwi Boko Haram wagarukanye bamwe mu bigeme yari yaranyuruje
mercredi 21 mars 2018
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko,abanyagihugu bavuga ko benshi ku bigeme 110 bagarukanywe mu modoka, mu gitondo co kur’uno wa gatatu igenekerezo rya 21 Ntwarante 2018.
Ayo makuru ya BBC, amenyesha ko ivyatumye abo bigeme bagarukanwa bitaramenyekana, ariko hari amakuru avuga ko batanu muri abo bitavye Imana.
Hari haheze ukwezi kurenga abo bigeme banyurujwe, ariko ntawuremeza irekurwa ry’abo bigeme, ariko umusirikare yari ku kirindiro yavuze ko umuhari Boko Haram wazanye abo bigeme.
MUGISHA Van Naris