IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ’’Ntituzohengeshanya kubashigikira no kubatera iteka.’’

’’Ntituzohengeshanya kubashigikira no kubatera iteka.’’

jeudi 8 mars 2018

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA n’umutambukanyi wiwe, bifadikanije n’abandi barundi, mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi, mu ntara ya Kayanza, ku kibuga c’inkino c’i Gatwaro.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA,yamenyesheje ko umukenyezi ariwe nkingi y’umuryango, akaba n’inkingi y’iterambere ry’igihugu.

Ati : « Kur’uyu musi udasanzwe wahariwe abakenyezi, ndipfurije umusi mukuru mwiza abakenyezi bose, na cane cane Umurundikazi wese aho ari. Umukenyezi ni we nkingi y’umuryango, ni we nkingi y’iterambere ry’igihugu. Ntituzohengeshanya kubashigikira no kubatera iteka. »

JPEG - 58.9 ko
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA n’umutambukanyi wiwe Denise BUCUMI NKURUNZIZA

N’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yipfurije umunsi mkuru mwiza w’abakenyezi aho yamenyesheje ati : "Ndifurije abarundikazi bose aho bari hose,umusi mukuru mwiza w’abakenyezi kw’isi yose. Twese tubaduke tuje ku kivi duhindure ubuzima bw’abakenyezi. Tugire ivyiyumviro binini bishika kure niho tuzoba inkingi zikomeye z’iterambere rirama."

Umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi wahimbajwe mu Burundi, ku civugo :’’Mu mitumba no mu bisagara, twese ku kivi, duhindure ubuzima bw’abakenyezi.’’


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Ndanezerewe cane kubona ingene abakenyezi bo mu mitumba i Burundi bambaye neza impuzu zisa, baryohewe, amashurwe ntiworaba. Ndabifurije umusi mwiza !

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.