OLUCOME iranegura ingene igikorane c’umugambwe CNDD FDD catunganijwe

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 17 Myandagaro 2017 saa 02:32
Yasomwe : 10125
0 0

Ishirahamwe rijejwe kugwanya igiturire no gusesagura amatungo ya Reta (OLUCOME) rimenyesha ko igikorane catunganijwe n’umugambwe CNDD FDD kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika 18 myangadaro 2017 mu ntara ya Gitega,gituma umwimbu w’igihugu ugabanuka kuko catunganijwe mu masaha y’akazi kandi igihugu c’Uburundi kiri mu bihugu 3 vya mbere bikenye kw’isi .

Mw’itangazo rya OLUCOME ryo kuwa 17 Myandagaro 2017, iryo shirahamwe rimenyesha ko uburyo bukoreshwa mur’ico gikorane haba amafaranga canke ibindi bikoresho biva muri Reta bigaharurwa mu mafaranga ashika imiriyoni 80 y’amafaranga y’amarundi hadasizemwo igitigiri c’abantu bitaba ico gikorane.

Muri iryo tangazo ,Gabriel RUFYIRI arongoye ishirahamwe OLUCOME amenyesha ko uburyo bukoreshwa mur’iryo tunganywa ry’ico gikorane hamwe n’umwanya bitwara ko ari gusesagura amatungo n’uburyo bwa Reta kuko ata tegeko rya Reta ririho ribitunganya.

Ishirahamwe OLUCOME risaba ko ivyo bikorane vyotunganywa mu misi y’impera y’indwi kandi ntihasesagurwe uburyo bwa Reta hamwe n’umwanya w’ibikorwa .

Muri ryo tangazo OLUCOME irangiza isaba Reta y’Uburundi ko yoshiraho itegeko ritunganya ibikorane kugira vyame bitunganywa mu mategeko babone kurwanya ivyoza bigabanya umwimbu w’igihugu .

Mwomenya ko mu cigwa giheruka gukorwa ,ibiharuro vy’ ikigega mpuzamakungu (FMI) vyerekana ko igihugu c’Uburundi kiri mu bihugu 3 bikenye kw’isi aho umunyagihugu w’umurundi yinjiza amadorari y’abanyamerika angana 284 ku mwaka.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha