OLUCOME isaba Reta gushiraho umurwi ugenzura uko uburyo bwo kurwanya malaria n’inzara bukoreshwa

Yanditswe na IGIHE
Kuya 16 mars 2017 saa 09:55
Yasomwe : 11826
0 0

Ishirahamwe ryishinze kurwanya abarya ibiturire n’abasesagura amatungo ya Reta OLUCOME risaba Reta y’Uburundi gutunganya ikoraniro mpuzamakungu ryo gusaba infashanyo yofasha kurwanya indwara ya Malariya n’inzara vyibonekeza mu gihugu.
Mw’itangazo ishirahamwe OLUCOME ryashize ahabona kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 15 Ntwarante,umwaka wa 2017, risaba Reta gutunganya iyo nama mpuzamakungu iri kumwe n’abafasha Uburundi hamwe n’ishirahamwe OCHA kugira begeranye imiliyoni 104 z’amadorare (...)

Ishirahamwe ryishinze kurwanya abarya ibiturire n’abasesagura amatungo ya Reta OLUCOME risaba Reta y’Uburundi gutunganya ikoraniro mpuzamakungu ryo gusaba infashanyo yofasha kurwanya indwara ya Malariya n’inzara vyibonekeza mu gihugu.

Mw’itangazo ishirahamwe OLUCOME ryashize ahabona kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 15 Ntwarante,umwaka wa 2017, risaba Reta gutunganya iyo nama mpuzamakungu iri kumwe n’abafasha Uburundi hamwe n’ishirahamwe OCHA kugira begeranye imiliyoni 104 z’amadorare y’abanyamerika akenewe.

Muri iryo tangazo ishirahamwe OLUCOME risaba Reta y’Uburundi kumenyesha ko abarwaye indwara ya malariya bazovurwa ku buntu, igatanga imisegetera ku buntu kandi bigakorwa mu muco.

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’abasesagura amatungo ya Reta risaba ko Reta yoshiraho umurwi wigenga ujejwe kugenzura ingene uburyo bukoreshwa mu mugambi wo kurwanya indwara ya malariya hamwe n’inzara.


Kumenyekanisha

1
Nzuzi 19-03-2017 à 21:28

Shiramwo ayanyu hanyuma bashiremwo mukuraba ingene akoreshwa.

2
Nema 16-03-2017 à 21:01

Uko Sugukunda Abarundi Ahubwo Nishari !

3
Jvé 16-03-2017 à 18:24

Irwanywe kuko yabaye ndanse. Ariko hajemwo transparence.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha