OLUCOME isaba Reta kugabanya amakori atozwa ku gitoro

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 1er juin 2017 saa 07:50
Yasomwe : 2655
0 0

Ishirahamwe ryishinze kurwanya abarya igiturire n’abasesagura amatungo ya Reta OLUCOME risaba Reta kugabanura amakori atangwa ku gitoro ku neza y’umunyagihugu w’Umurundi.

Mw’itangazo ry’ishirahamwe OLUCOME ryo kuwa 31 Rusama 2017, ryateweko umukono n’umukuru w’ishirahamwe OLUCOME Gabriel RUFYIRI, iryo shirahamwe rimenyesha ko ubukene bw’igitoro n’ibindi bikenerwa nk’imiti iva hanze buva ku bukene bw’amafaranga y’agaciro atayahari mu Burundi.

Ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko ingaruka zose zivuye ku bukene bw’amafaranga y’agaciro mu gihugu hamwe n’ubukene bw’igitoro zikora ku munyagihugu muto w’umurundi,kandi adashobora gutorera inyishu ico kibazo.

Ishirahamwe ryishinze kurwanya abarya igiturire n’abasesagura amatungo ya Reta rigasaba Reta ko yofata ingingo yo gushiraho ikigega c’igitoro yokwikirako mu gihe habaye ubukene bw’igitoro, hakoreshejwe amafaranga ashika imiliyaridi 29 ategekanywa y gusahiriza mu gisata c’imibano.

Ishirahamwe OLUCOME risaba Reta gushira imbere kwunguruza igitoro bagicishije mu nzira zo mu mazi, igashira kandi umuco mu rudandazwa rw’amafaranga y’agaciro.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha