OLUCOME isaba ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta gusohora urutonde rw’ibidandazwa bitariha ikori

Yanditswe na
Kuya 12 Rusama 2017 saa 02:37
Yasomwe : 4104
0 0

Umukuru w’ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’abasesagura amatungo ya Reta asaba umushikiranganji w’ikigega ca Reta gushira umukono kw’itegeko nshikiranganji rishira ahabona urutonde rw’ibidandazwa bitarihishwa ikori, nk’uko biri mw’itegeko ryo kuwa 27 Ndamukiza umwaka wa 2017.

Mw’itangazo ishirahamwe OLUCOME ryashize ahabona kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 12 Rusama, umwaka wa 2017, OLUCOME isaba ko Reta yokwongereza ikiringo ku mezi atatu yari ategekanijwe kugira iyo ngingo igire akarusho kaboneka ku buzima bw’abarundi.

Muri iryo tangazo, ishirahamwe OLUCOME risaba Inama nshingamateka gushiraho umurwi w’abashingamateka wofasha gukurikirana ishirwa mu ngiro ry’itegeko rikura amatagisi ku bidandazwa, ugatanga icegeranyo uko ukwezi guheze, kugira ntihagire abadandaza bikika mu kiza.

Reta y’Uburundi iheruka kwemeza itegeko rivuga ko ibidandazwa vy’ugufungura bimwe bimwe vyinjizwa mu Burundi bitazorihishwa amatagisi n’amakori mu kiringo c’amezi atatu. Ico kiringo ni ico kuva kw’igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2017 gushika kuwa 27 Mukakaro 2017.

Iryo tegeko nomero 1/010 ryo kuwa 27 Ndamukiza 2017 ryatanguye gushirwa mu ngiro uwo munsi nyene riterwako umukono, nk’uko biri muri iryo tegeko ryemejwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi.

Kw’igenekerezo rya 29 Ntwarante 2017, inama nshingamateka y’Uburundi niho yatora integuro y’itegeko rivuga ko ibidandazwa vy’ugufungura bimwe bimwe bitazorihishwa amatagisi n’amakori mu kiringo c’amezi atatu. N’inama nkenguzamateka hamwe na nshikiranganji zaremeje iyo nteguro, hakaba hari hasigaye ko umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ariterako umukono.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha