OLUCOME isaba umufasha w’umuhuza gutumako ibiganiro mu maguru masha

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 15 Nyakanga 2017 saa 10:51
Yasomwe : 7362
0 0

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’abasesagura amatunga ya Reta OLUCOME risaba umufasha w’umuhuza mu bibazo vy’Uburundi Benjamin William Mkapa gutumako ibiganiro mu maguru masha, kugira abarundi bave mu bibazo vy’ubukene barimwo.

Mw’ikete ishirahamwe OLUCOME ryandikiye umufasha w’umuhuza kuri uno wa kane igenekerezo rya 14 Nyakanga 2017, iryo shirahamwe rimenyesha ko rifise amakenga ashingiye ku kudashaka kwa Reta n’abayishigiye kwitaba ibiganiro atawe bikumira.

Kubwa OLUCOME, kuba Reta n’abayishigikiye badashaka kwitaba ibiganiro atawe bikumira, ni agatima ko kwigungirako, ako nako kagatuma abantu bashika imiriyoni 12 baba mu gihugu batabona ico bagiye gukora kubera ubukene bubugarije.

Muri iryo kete, ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko abanyeporitike bamwe bamwe cane cane abari muri Reta basa naho bashigikiye ibiganiro ariko kuvy’ukuri batabishigikiye, ivyo bakabikora kugira bakingire inyungu zabo gusa.

JPEG - 94 ko
Gabriel RUFYIRI,Umukuru w’Ishirahamwe OLUCOME

Ishirahamwe OLUCOME risaba umufasha w’umuhuza mu biganiro vy’abarundi, gukurikiranira hafi kandi mu maguru masha uwo mukino wa poritike wo kwigungirako.

Ishirahamwe OLUCOME ryanditse iri kete, mu gihe mu rugendo aheruka kugira mu gihugu ca Tanzaniya kuva kw’igenekerezo rya 4 gushika kurya 6 Nyakanga 2017, umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA yabonanye n’umufasha w’umuhuza Benjamin Mkapa.

Muvyo bavuganye n’umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA, umufasha w’umuhuza Benjamin Mkapa yamenyesheje ko ashobora gutumako ibiganiro mu kwezi kw’icumi.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha