IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME ivuga ko amahera yagenewe indege y’umukuru w’igihugu ari (...)

OLUCOME ivuga ko amahera yagenewe indege y’umukuru w’igihugu ari ubusuma

samedi 16 décembre 2017

Umushikiranganji w’ikigega ca Reta Domitien NDIHOKUBWAYO yamenyesheje abashingamateka ko indege irerura umukuru w’igihugu ikenera uburyo butari buke nko kuyirihira amahera yo kurinda impanuka (assurance), gusubiriza ivyuma vyononekaye, n’ibindi vyinshi.

Gabriel RUFYIRI atwara OLUCOME ntabibona ukwo, akavuga ko ari ubusuma bukabije, akababazwa n’ingene abashingamateka bemeje iryo tegeko.

Avuga ati : « Kuva muri 2006 bagurishije Falcon 50,indege yarerura umukuru w’igihugu, Reta yagumye ishiraho amafaranga y’indege y’umukuru w’igihugu, ariko gushika n’ubu ntituzi ico ayo mafaranga akora n’iyo aja.Kubona abashingamateka bemeza iyo nteguro y’itegeko, vyerekana ko atanakimwe bamariye ababatoye. »

Amafaranga yagenewe kubungabunga (entretien) iyo ndege yongeweko imiriyoni 500 kuyari yategekanijwe muri 2017.Iyo ndege ikaba yashikanywe mu Burundi mu mwaka wa 2016 ikaba itaraguruka.


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.