IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME isaba Reta guhagarika ingingo yo kuduza igiciro c’umuyagankuba

OLUCOME isaba Reta guhagarika ingingo yo kuduza igiciro c’umuyagankuba

mercredi 2 Myandagaro 2017

Mw’itangazo ishirahamwe OLUCOME ryashize ahabona kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 1 Myandagaro 2017,ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko ryatangajwe no kwumva mu kiganiro umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu ,ubutare n’agataka yagiranye n’abamenyeshamakuru amenyesha ko umuyagankuba ugiye kuduzwa igiciro gushika ku bice 460,8 kw’ijana.

Muri iryo tangazo, ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko igiciro c’umuyagankuba kitategerezwa kuduga, mu gihe abanyagihugu basanzwe bugarijwe n’ubukene,OLUCOME ikavuga ko ari ubutumwa buhawe abanyagihugu ko bakwiye guhagarika gukoresha umuyagankuba,kuko hari imiryango vyahora bigora kuronka amafaranga 17250 y’amarundi ukoresha ku kwezi,ubu naho igiciro kikaba kigiye kuja ku mafaranga 96750 vy’amarundi.

JPEG - 46.1 ko
Gabriel RUFYIRI,arongoye ishirahamwe OLUCOME

Mu ntumbero yo gutorera inyishu ikibazo c’iduzwa ry’ibiciro vy’umuyagankuba,ishirahamwe OLUCOME risaba Reta gufata imiriyaridi 28 z’amarundi ziri mu kigega gifasha mu bijanye n’imibano kuyashira mu gisata c’umuyagankuba.

Mu kurangiza,ishirahamwe OLUCOME risaba Reta y’Uburundi guhagarika ingingo yo kuduza igiciro c’umuyagankuba,rigasaba abanyagihugu kutemera iduzwa ry’ibiciro vy’umuyagankuba utangwa n’ishirahamwe REGIDESO.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.