IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME risaba Reta gushira mu ngiro amategeko agenga kutarihishwa (...)

OLUCOME risaba Reta gushira mu ngiro amategeko agenga kutarihishwa ikori

lundi 18 juin 2018

Mw’itangazo ishirahamwe OLUCOME ryasohoye kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 18 Ruheshi 2018, iryo shirahamwe rimenyesha ko ribabazwa n’uko hari ukurenza urugero mu kurekurira abantu kudatanga amakori n’amatagisi, bigakorwa na Reta kandi ku gushaka.

Ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko mu nteguro y’amafaranga Reta ikoresha ku mwaka itegekanya imiriyaridi 18 z’amarundi atinjira kubera abatarihishijwe amakori, ariko ishirahamwe OLUCOME rikaba ryasanze umwaka uhera amaze kurenga imiriyaridi ijana z’amarundi.

Muri iryo tangazo, ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko hamwe Reta idafashe ingingo zihutirwa kugira ihagarike ubwo busuma mu gutanga amasoko ya Reta, rizoca rishira ahabona amazina y’abafise uruhara muri ubwo busuma.

Ishirahamwe OLUCOME risaba Reta gushira mu ngiro amategeko agenga kutarihishwa ikori, isubiremwo kandi ingingo zimwe zimwe ziri mw’itegeko rigenga amasoko ya Reta no kwisunga amasezerano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu bijanye no kurwanya igiturire.

Mu kurangiza, ishirahamwe OLUCOME risaba inama nshingamateka gutumako umushikiranganji w’ikigega ca Reta kugira asigure ingene amafaranga ategekanywa kuja mu gista c’abatarihishwa ikori aba umurengera, bongere bamusabe ko ashira ahabona abafise akarusho ko kutarihishwa amakori.


IGIHE

Messages

  • Oya nivyo nyakubahwa umukuru w’igihugu cacu nabogoze abo bantu bakora mubijanye no gutanga uburusho bwokudatanga ikori tubona umengo harimwo ibintu bidatomoye neza gufata abantu bategerezwa gutanga ikori hama ukabaha uburusho bwokutaritanga imwaka itanu nn ububona amahera uzovah jew nibazako habamwo igiturire.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.