OLUCOME risaba Reta gushira mu ngiro amasezerano ya ONU yo kurwanya igiturire

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 31 mai 2018 saa 12:18
4560
0 0

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Reta OLUCOME, risaba Reta gushira mu ngiro ivyavuye mu nama rukokoma ku butungane, ivyavuye mu mwiherero wabreye I Gitega ku bijanye n’intwaro no kurwanya igiturire, hamwe n’ibiri mu cegeranyo c’abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ku bijanye n’igiturire mu Burundi.

Mw’itangazo ishirahamwe OLUCOME ryashize ahabona kur’uyu wa kane igenekerezo rya 31 Rusama 2018, iryo shirahamwe rimenyesha ko, muri ino minsi hibonekeza ukurya igiturire ku rugero rwo hejuru, mu bisata bimwe bimwe vy’igihugu.

Ishirahamwe OLUCOME, rimenyesha ko ahibonekeza igiturire cane, ari mu gisata kijejwe amasoko ya Reta, aho kubw’iryo shirahamwe bavuga ko ata muntu atsindira isoko ya Reta adatanze igiturire.

Muri iryo tangazo, ishirahamwe OLUCOME, risaba Reta gushira mu ngiro ibiri mu masezerano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajanye no kurwanya igiturire, n’amasezerano y’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika yo gukinga no kurwanya igiturire.

Ishirahamwe OLUCOME risaba kandi Reta, gusubiramwo itegeko rirwanya igiturire mu gukuramwo amakenga aririmwo no kurwanya ukudahana, biciye mw’ishirwa mu ngiro ry’iryo tegeko.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha