OLUCOME risaba Reta kugabanya amatagisi atozwa ku gitoro

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 26 janvier 2018 saa 03:51
3300
0 0

Ishirahamwe ryishinze kurwanya abarya ibiturire n’abasesagura amatungo ya Reta, basaba Reta y’Uburundi gutunganya neza igisata co kudandaza igitoro, kugira habe ihiganwa hagati y’amashirahamwe, hamwe no kwegera abagenzi b’Uburundi kugira bafashe mu gushiraho ikigega c’igitoro cosahiriza mu gihe hari ikibazo caco.

Mw’itangazo ry’ishirahamwe OLUCOME ryo kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 26 Nzero 2018, iryo shirahamwe rimenyesha ko icegeranyo c’umurwi ujejwe intwaro mu nama nshingamateka cerekanye ko ku mashirahamwe 6 yadandaza igitoro mu Burundi imbere y’umwaka wa 2015, abiri yonyene Interpetrol na Kobil ariyo asigaye akora.

Ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko igiciro c’igitoro kiduga cane, Reta ikura ku gitoro kidandazwa ku bituro, amatagisi ashika ku bice 40 kw’ijana, itisunze ayandi makori n’amatagisi, kandi Reta ikinjiza igitoro igicishije mw’ibarabara kandi kizimvye, aho cocishijwe mu mazi, ari naho coshika kizimbutse.

Muri riyo tangazo, ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko, igihugu nk’Uburundi kidakora kw’ibahari, kidashobora kubaho kidafise ikigega c’igitoro co gusahiriza mu gihe cokena.

JPEG - 64.2 ko
Gabriel RUFYIRI,Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Ishirahamwe OLUCOME rigasaba Reta gusubira gushiraho ikigabane kivuga ku mafaranga yokoreshwa mu gutegekanya kazoza mu gisata c’igitoro, kugira hajeho ikigega c’integabizoza c’igitoro.

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’abasesagura amatunga ya Reta OLUCOME risaba kandi Reta gushiraho imigenderanire myiza n’abayifasha, kugira babandanye gufasha Uburundi, igabanye kandi amatagisi atozwa ku gitoro.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha