OLUCOME risaba ishirwaho ry’itegeko rigenga amasengesho atunganywa n’umukuru w’igihugu

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 27 décembre 2017 saa 11:15
Yasomwe :
0 0

Ishirahamwe ryishinze kurwanya abarya ibiturire n’abasesagura amatunga ya Reta, rimenyesha ko ibikorane bitunganywa n’umuryango w’umukuru w’igihugu vyari bikwiye kuba mu minsi y’akaruhuko.

Mw’itangazo ry’ishirahamwe OLUCOME ryo kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 27 Kigarama 2017, iryo shirahamwe rimenyesha ko ibikorane bitunganywa n’umuryango w’umukuru w’igihugu ataco vyica, ariko ko vyotegerezwa gutunganywa hisunzwe ibwirizwa nshingiro n’ayandi mategeko agenga Uburundi.

Muri iryo tangazo, ishirahamwe OLUCOME rinegura ariko ko ivyo bikorane bitunganywa ku minsi y’imirimo, kandi bigatunganywa mu masaha y’akazi,kuko bitangura isaha zibiri z’igitondo, bigahera isaha icumi n’imwe z’umugoroba.

Ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko amafaranga akoreshwa muri ivyo bikorane ashobora kuba ashika imiriyoni 120 z’amarundi, ariko kubwa OLUCOME, afatwa nk’ugusesagura itunga rya Reta kuko ata tegeko na rimwe riyagenga.

Ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko rishigikiye ijana kw’ijana ko abarundi n’abategetsi batunganya amasengesho, kuko ari kimwe mu birwanisho bishobora gukiza igihugu, mu gihe bikozwe mu muco.

JPEG - 379.5 ko
Gabriel RUFYIRI, Arongoye ishirahamwe OLUCOME

Ishirahamwe OLUCOME rirangiza risaba ishirwaho ry’itegeko rigenga amasengesho nk’ayasanzwe atunganywa n’umuryango w’umukuru w’igihugu,kugira bakinge icotuma umwimbu w’igihugu ugabanuka.

Mwomenya ko iryo tangazo risohotse, mu gihe umuryango w’umukuru w’igihugu watunganije igikorane kuva kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 26 Kigarama 2017, mu ntara ya Kayanza ku kibuga Stade Gatwaro.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha