OLUCOME risaba umuco kw’ikarata karangamuntu zikozwe mu buhinga bwa none

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 4 juin 2018 saa 09:37
16335
0 0

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Reta OLUCOME, risaba ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, gutanga umuco ku bijanye n’ikarata karangamuntu zikozwe mu buhinga bwa none n’ubu zitaratangura gukoreshwa, kandi ishirahamwe ryatsindiye isoko ryaramaze guhabwa amafaranga y’intango.

Mw’itangazo ishirahamwe OLUCOME ryashize ahabona kur’uno wa mbere igenekerezo rya 4 Ruheshi 2018, rimenyesha ko ribabazwa no kuba abanyagihugu bagikoresha ikarata karangamuntu zatanzwe hatanzwe igitutire.

Ishirahamwe OLUCOME rivuga ko igihe hatanguzwa urupapuro rw’inzira ruzokoreshwa mu karere ka Afrika y’Ubuseruko, uwurongoye igiporisi c’imbibe yavuze ko hari abaza gusaba urupapuro rw’inzira bagasanga bafise ikarata karangamuntu za magendu, izo nazo kbwa OLUCOME zikaba zitangwa hatanzwe igiturire.

Ishirahamwe OLUCOME, rimenyesha ko amasezerano y’isoko yo gukora ikarata karangamuntu zikozwe mu buhinga bwa none yahawe ishirahamwe ry’abahindi n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu y’amafaranga ashika imiriyaridi 20 z’amarundi yabayemwo utunenge.

Ishirahamwe OLUCOME risaba abajejwe intwaro mu makomine guhagarika kwaka igiturire ku baza ku basaba amakarata karangamuntu, kuko basanzwe bahembwa amafaranga ava mu makori n’amatagisi atangwa n’abanyagihugu.

Mu kurangiza, ishirahamwe OLUCOME risaba abanyagihugu kutemera gutanga igiturire, bakama babimenyesha mu gihe cose babonye uwuriko arakira igiturire.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha