IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME risaba umufasha w’umuhuza gutumako igice ca gatanu c’ibiganiro

OLUCOME risaba umufasha w’umuhuza gutumako igice ca gatanu c’ibiganiro

lundi 26 mars 2018

Mw’ikete ishirahamwe OLUCOME ryandikiye umufasha w’umuhuza, iryo shirahamwe rimenyesha ko abarundi isinzi bugarijwe n’ubukene, bikunyuka bigeze ku bakozi ba Reta, aho umushahara barobka udashobora kubamaza ukwezi.

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’abasesagura matungo ya Reta OLUCOME, rimenyesha ko , ubukene, ingorane hamwe n’inzara abarundi barimwo bikeneye gutorerwa inyishu irama mu maguru masha.

Mu kurangiza, muri iryo kete, ishirahamwe OLUCOME, risaba abafise ico bofasha cose, gufasha kugira hashirwe umukono ku masezerano, avuye mu biganiro bihuza abarundi bihagarariwe n’akarere ka Afrika y’Ubuseruko.

Ishirahamwe OLUCOME ryandikiye umufasha mu biganiro bihuza abarundi, mu gihe kuwa kane igenekerezo rya 22 Ntwarante 2018, i Dar es-Salaam mu gihugu ca Tanzaniya, Michel KAFANDO, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU , yakiriwe na Benjamin William Mkapa.

Macosha Moshe Tembele, umwunganirizi wa Benjamin William MKAPA yavuze ko muri uwo mubonano, Benjamin William MKAPA na Michel KAFANDO baganiriye ingene ibiganiro bihuza abarundi vyobandanya, inyuma y’aho abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko bafatiye ingingo ko ibiganiro bihuza abarundi kandi bibera hanze y’Uburundi bibandanya, birongowe na Yoweri Kaguta Museveni umukuru w’igihugu ca Uganda hamwe na Benjamin William MKAPA yahoze ari umukuru w’igihugu wa Tanzaniya.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.